Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Abaheburayo 10:35 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

35 Ntimugatakaze ivyizigiro mufise mu Mwami, kuko bifise impera ikomeye.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

35 Nuko ntimute ubushizi bg’ubgoba bganyu, buri n’impēra ikomeye.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Abaheburayo 10:35
15 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Umuntu wese azonyemanga imbere y’abantu, nanje nzomwemanga imbere ya Data wo mw’ijuru.


Nihagira umuntu aha umuntu mutoya mu bigishwa banje igikombe c’amazi apfutse kuko ari umwigishwa wanje, ndababwije ukuri ko atazobura kubihererwa impera.”


Muze munezerwe kandi muhimbarwe kuko impera yanyu izoba ari nini mw’ijuru. Uko ni ko bahamye abavugishwa n’Imana babitangiye imbere.


Aho ni ho uzohezagirwa. Naho badashobora kubikwishura, Imana izobiguhembera mw’izuka ry’abagororotsi.”


None bene Data nkunda, mushikame ntihagire ikibanyiganyiza. Mwihebere ibikorwa vy’Umwami kuko muzi neza ko ibikorwa vyanyu atari impfagusa mu Mwami.


Muri we, kandi biciye mu kumwizera dushobora kwegera Imana mu mwidegemvyo kandi tudakekeranya.


Ni co gituma, bene Data, dushobora kwinjira ata bwoba Ahera h’Ahera ho mw’ijuru ku bw’amaraso ya Yesu.


Yiyumvira ko ari ivy’igiciro kubabazwa ku bwa Kristo kurusha kugira ubutunzi bwo muri Egiputa, kuko yari ahanze amaso impera yiwe muri kazoza.


Nimba ubutumwa Imana yarungikanye abamarayika bwabonetse ari ukuri, kandi ukugarariza kwose n’ukutumvira kwose bikaronka igihano bikwiranye,


Kuko twahindutse abafatanije na Kristo, nimba vy’ukuri tuzigamye, gushitsa kw’iherezo, ivyizigiro bishikamye nk’ivyo twatanguranye.


Ariko Kristo ni umwizigirwa nk’Umwana yahawe kuganza inzu y’Imana. Kandi iyo nzu ni twebwe, niyo twagumya ugushira amanga n’ivyizigiro dufise muri Kristo.


Ko dufise Umuherezi Mukuru akomeye, ari we Yesu Umwana w’Imana, yashitse mw’ijuru imbere y’Imana, muze tugumye cane ivyo twizeye.


Mwirinde kugira ngo ntimutakaze ico twakoreye, ahubwo mushishikare kugira ngo muze muhabwe impembo ikwiye.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ