Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Abaheburayo 10:32 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

32 Mwibuke uko vyari vyifashe mu misi ya mbere, mumaze kwakirwa n’umuco w’Imana. Mwaciye mu mibabaro myinshi, ariko mugumana ubwizigirwa.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

32 Ariko mwibuke imisi ya mbere, hamwe mwari mumaze kwākirwa n’umuco, mwihanganira ibisinzikaza vy’indwano nyinshi:

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Abaheburayo 10:32
18 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

kugira ngo ubugurure amaso, bave mu mwijima baje mu muco, ubakure mu bubasha bwa Satani ubazane ku Mana, baharirwe ivyaha vyabo, maze bahabwe ikibanza mu bejejwe babihawe no kunyizera.’


Ivyizigiro vyanyu bitume mugumana umunezero. Mwihanganire imibabaro kandi mushishikare gusenga.


Imana yavuze iti: “Ahari umwijima nihabe umuco,” yatumye umuco wayo ukayangana mu mitima yacu kugira ngo turonke ugutahura ivy’ubwiza bw’Imana bukayanganira kuri Yesu Kristo.


Ariko ivyo tumaze gutahura tubigenderemwo.


Ndashaka ko mumenya ukuntu ndabagwanira intambara ihambaye mwebwe n’ab’i Lawodikiya, hamwe n’abatarigera bambona na rimwe bose.


Ntimuragwanya icaha gushika aho amaraso yanyu aseseka.


Mwari mukwiye kuba muri abigisha, kuko haheze igihe kirekire mwizeye. Yamara muracakeneye kwigishwa ivya mbere vyo mu kuri kw’ijambo ry’Imana. Aho kurya ivyokurya vy’abakuze, muracakeneye amata.


Kuko Imana ntirenganya ngo yibagire ibikorwa mwakoze canke urukundo mwerekanye ku bw’izina ryayo mu gukorera abizera, kandi mukaba mukibandanya mubikora.


Ntibishoboka kugarukana ku kwihana abigeze kwakirwa n’umuco, bakumviriza ku ngabire zo mw’ijuru, bakakira ku vya Mpwemu Yera,


Mwirinde kugira ngo ntimutakaze ico twakoreye, ahubwo mushishikare kugira ngo muze muhabwe impembo ikwiye.


Niwibuke aho wavuye ukagwa, maze wihane, usubire ukore ibikorwa wakora ubwa mbere. Niyo utihana, nzoza nkure igiterekwako itara cawe mu kibanza caco.


Wibuke inyigisho wumvise ukazakira. Uzigendere wongere wihane. Niyo utakanguka nzoza nk’igisuma, kandi ntuzomenya igihe nzokugendera.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ