Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Abaheburayo 10:27 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

27 Hazoba hasigaye gusa kwitegana ubwoba urubanza rw’Imana n’umuriro uteye ubwoba uzoturira abansi bayo.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

27 ariko haba hasigaye kwitegana ubgoba gucirwakw iteka, no kwitega umuriro w’inkazi, uzorigata abansi b’Imana.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Abaheburayo 10:27
41 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

babate mw’itanure ryaka umuriro; aho hazoba amarira no guhekenya amenyo kubera umubabaro.


babaterere mw’itanure ryaka umuriro, ni ho hazoba amarira no guhekenya amenyo kubera umubabaro.”


Hanyuma Umwami azohindukira abwire abari i bubamfu bwiwe ati: ‘Mva mu maso mwa bivume mwe, muje mu muriro utazozima wateguriwe Satani n’abamarayika biwe.


Mbere incabiti ibanguriwe imizi y’ibiti: igiti cose kitama ivyamwa vyiza kigiye gucibwa gitererwe mu muriro.


Afise urutaro rwo kugosora mu minwe, azokubura ikibanza co gusekuriramwo. Ahejeje kugosora azokwegeraniriza ingano mu kigega umuguruka na wo awuturirire mu muriro utazokwigera uzima.”


Bamubonye, abo badayimoni baca barasemerera bati: “Uturonderako iki ga Mwana w’Imana? Uje kutubabaza kandi igihe cacu kitaragera?”


Wa mutunzi arasemerera ati: ‘Data Aburahamu, ngirira ikigongwe, urungike Lazaro, akoze isonga ry’urutoke rwiwe mu mazi, ampfuvye ku rurimi kuko ndiko ndababarizwa cane muri uno muriro.’


Abo bansi banje na bo badashaka ko ndababera umwami, nimubazane hano mubicire imbere yanje.’ ”


Imitima y’abantu izohagarara bishwe n’ubwoba, babonye ibigira bishike kw’isi, kuko ivy’inkomezi biri mu kirere bizonyiganyizwa.


Hanyuma ‘bazobwira imisozi bati: “Tugweko!” n’imitumba bati: “Tunyegeze!” ’


hanyuma bazuke. Abakoze ivyiza, bazozukira ubugingo, abakoze ibibi na bo bazukire gutsindwa n’urubanza.


Mwirinde ntimwanke kwumviriza uwuriko aravuga. Kuko nimba Abisirayeli batashoboye gukira igihano igihe banka kwumviriza Mose ariko arabagabisha kw’isi, natwe ntidushobora gukira igihano nitwanka kwumviriza uwuvuga ari mw’ijuru.


none twebwe tuzokira gute ni twanjanjwa ku gakiza gakomeye nk’ako? Umwami Yesu ubwiwe ni we yabanje kuvuga ivy’ako gakiza, hanyuma abamwumvise baratwemeza ko ari ukuri.


Kandi nk’uko umuntu wese ategerezwa gupfa rimwe maze inyuma yaho hakaza urubanza,


Inzahabu n’ifeza vyanyu vyaguye ingese kandi ingese zavyo zizobatsindisha kandi zibarye bwa muriro. Mwirundanirije ubutunzi mu misi ya nyuma.


Umuntu wese atasanze izina ryiwe ryanditswe mu gitabu c’ubugingo, atererwa muri ico kiyaga caka umuriro.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ