Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Abaheburayo 10:20 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

20 Yatwugururiye inzira nshasha itanga ubugingo biciye muri ca gitambara gikinze co mu ngoro, ari wo mubiri wiwe.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

20 duciye mu nzira yadutoboreye nsha iri n’ubugingo, ica mu gihuzu gikinze, bisobanurwa ngo mu mubiri wiwe;

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Abaheburayo 10:20
20 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Uwo mwanya nyene, igitambara co mu rusengero gitandukanya ahera n’ahera cane gitabukamwo kubiri kuva hejuru gushika hasi. Isi iranyiganyiga, ibitandara birasatagurika,


Igitambara co mu rusengero gica gitabukamwo kubiri kuva hejuru gushika hasi.


kuko izuba ryari ryazimye. Maze igitambara co mu rusengero na co gitabukamwo kabiri.


Nuko Yesu yongera kubabwira ati: “Ndababwire ukuri, ni jewe rembo ry’intama.


Ni jewe rembo; umuntu wese yinjiye aciye muri jewe azokizwa. Azokwinjira, asohoke kandi aronke ikimutunga.


Yesu aramwishura ati: “Ni jewe nzira n’ukuri n’ubugingo. Nta n’umwe ashobora gushika kwa Data atanciyeko.


Yabikoze mu gukuraho ibikorwa vyose vyisunga amategeko n’amabwirizwa, abikuzaho umubiri wiwe. Intumbero kwari kugira ngo yiremere ubwoko bushasha akuye mu Bayuda no mu Banyamahanga, gutyo azane impore hagati yacu.


Ikirengeye ivyo umuntu yokwibaza vyose, ikinyegezwa c’ukwizera kwacu kirahambaye: Kristo yabonetse mu mubiri, yemezwa na Mpwemu Yera, abonwa n’abamarayika, amenyekanishwa mu mahanga, yizerwa n’abo mw’isi, aduzwa mu bwiza bwo mw’ijuru.


Ivyo vyizigiro bimeze nk’inanga ifata ubwato mu kiyaga igumye kandi ikomeye ishigikiye imishaha yacu. Ni vyo bituma turengana ca gitambara gikinze ahera, tugashika imbere y’Imana;


Hanyuma haca haza igitambara gikinze, inyuma yaco ni ho hari ihema ryitwa “Ahera h’Ahera”


Muri ibi vyose, Mpwemu Yera yariko yerekana ko inzira yinjira Ahera h’Ahera itari bwuguruke, igihe cose iryo hema ryo gusengeramwo rya mbere ryari rikihari.


Kuko na Kristo yababarijwe ivyaha vyacu rimwe gusa, uwutagira icaha apfira abanyavyaha, kugira ngo abahuze n’Imana. Mu mubiri yarishwe, ariko Mpwemu Yera amusubiza ubugingo.


Iki ni co cerekana ko bafise Mpwemu w’Imana: umuntu wese avuga ko avugishwa n’Imana, akemera ko Yesu Kristo yaje yambaye umubiri, uwo aba akoreshwa na Mpwemu w’Imana.


Ibi ndabivuze kuko ababeshi benshi bakwiragiye mw’isi. Abo ntibemera ko Yesu Kristo yaje yambaye umubiri. Umuntu wese ameze uko ni umubeshi kandi ni antikristo.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ