Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Abaheburayo 10:14 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

14 Biciye kuri ico kimazi kimwe, yashikanye ku gutungana, rwose kandi ibihe vyose, abejejwe ivyaha vyabo.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

14 Kukw ikimazi kimwe ari co yatunganishije rwose abezwa, ukazoshitsa ibihe bidashira.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Abaheburayo 10:14
16 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Ubu rero ndabaragije Imana n’ijambo ry’ubuntu bwayo, ryo rishobora kubakomeza mu kwizera no kubaha kuragwa ivyiza hamwe n’abera.


Maze ga mwami, nko kw’isaha ya gatandatu y’umurango, ndi mu nzira ngenda, mbona umuco mwinshi uva mw’ijuru, uruta uw’izuba, uturasira impande zose twe n’abo twari kumwe.


bwo kuba intumwa ya Kristo Yesu mu Banyamahanga. Ndababwira Ubutumwa Bwiza kugira ngo ndabashikanire Imana nk’ikimazi cemerwa na yo, cejejwe na Mpwemu Yera.


Turabandikiye mwebwe abo mw’ishengero ry’Imana riri i Korinto, mwejejwe muri Kristo Yesu kandi mwahamagariwe kuba abera, hamwe n’abo bose bambaza izina ry’Umwami Yesu Kristo aho bari hose, bakamwambaza nk’Umwami wabo ari we Mwami wacu:


ngo arigire iryejejwe ritunganye, aryogesheje umwuhagiro w’amazi ari ryo Jambo ry’Imana.


Ivyagezwe vya Mose ni ikigereranyo c’ivyiza bigiye kuza; si ukuri kw’ivyo vyiza. Mu gihe c’Ivyagezwe, baguma batanga ibimazi uko umwaka utashe, yamara ivyo bimazi ntivyigeze bishobora gutunganya rwose abegera Imana bayisenga.


Kuko ico Imana yashaka kwari uko twezwa biciye mu kimazi c’umubiri wa Yesu Kristo, rimwe rizima.


Ariko Umuherezi Mukuru wacu yitanze rimwe rizima, nk’ikimazi kimwe gusa gikuraho ivyaha, hanyuma yicara mu kibanza c’icubahiro i buryo bw’Imana.


Ni co gituma na Yesu yababarijwe kandi agapfira inyuma y’igisagara kugira ngo ashikane abantu biwe ku kwera akoresheje amaraso yiwe.


Yesu ni we yeza abantu ivyaha vyabo. Uweza hamwe n’abezwa bose bafise Se umwe. Ni co gituma Yesu bitamutera isoni kubita abavukanyi biwe.


(kuko Ivyagezwe vya Mose nta gutungana vyashoboye gushitsa.) Ariko ubu dufise ivyizigiro biruta ivyo, bituma twegera Imana.


Ni co gituma ashobora gukiza rwose abegera Imana bamwisunze, kuko abaho ibihe vyose abasengera ku Mana.


Vyari ivyokurya no kunywa gusa n’imigenzo itandukanye yo kwiyuhagira. Yari amategeko yo ku mubiri gusa kugeza igihe ibintu vyari bigiye guhinduka.


namwe mwibaze ingene amaraso ya Kristo, we yitanze nk’ikimazi gitunganye c’ivyaha vyacu, akiha Imana biciye kuri Mpwemu Yera ahoraho, azorushiriza kweza imitima yacu akayikuramwo ibikorwa bipfuye kugira ngo dushobore gukorera Imana nzima.


Jewe Yuda, umukozi wa Yesu Kristo n’umuvukanyi wa Yakobo, Ndabandikiye mwebwe abahamagawe, mukundwa n’Imana Data kandi muzigamwe na Yesu Kristo:


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ