11 Umuntu wese amwakiriye aba amushigikiye mu bikorwa vyiwe bibi.
11 kuk’ ūzomuha ikāze azoba afatanije na we mu bikorwa vyiwe bibi.
Ntimwifatanye n’ibikorwa vy’impfagusa bikorerwa mu mwijima, ahubwo mubishire ahabona.
Ntuze wihutire kurambika ibiganza ku bantu, kandi ntuze wifatanye n’abakora ivyaha. Wame wejejwe.
Uwukinywa amata aba akiri umwana, nta co aba aramenya mu vyo kugororoka.
Mukize abandi mubakure mu muriro w’urubanza. Mwerekane imbabazi ku bandi ariko zivanze no gutinya. Yamara mwirinde no gukora ku mpuzu zandujwe n’imibiri yabo yandujwe n’ivyipfuzo vyabo bibi.
Nca numva irindi jwi rivuye mw’ijuru rivuga riti: “ ‘Nimusohoke mukivemwo, mwa bwoko bwanje,’ kugira ngo ntimwifatanye na co mu vyaha vyaco, maze mugashikirwa n’ivyago bizogishikira.