Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




2 Timoteyo 4:8 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

8 Ubu ndindiriye umudari wo kugororoka, uwo Umwami Imana, we mucamanza agororotse, azompa kuri uwo musi. Kandi ntazowuha jewe jenyene, azowuha n’abarindiranye igishika uguhishurwa kwiwe.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

8 Ibisigaye, mbīkiwe igitsibo c’ukugororoka, ico Umwami wacu, umucamanza agororotse, azompa kuri wa musi, kandi si jewe jenyene nzogihabga, ariko kandi n’abakunze kuzoseruka kwiwe bose bazogihabga.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




2 Timoteyo 4:8
39 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Ariko ku bijanye n’umusi canke isaha, baba abamarayika bo mw’ijuru canke Umwana ubwiwe, nta n’umwe abizi uretse Data wenyene.


Ku musi w’urubanza, benshi bazombwira ngo: Mwami, Mwami, mbega ntitwavugishwa mw’izina ryawe, kandi si mw’izina ryawe twirukana abadayimoni bakava mu bantu, tugakora n’ibitangaza vyinshi?


Ndababwire ukuri, ku musi w’imanza, i Sodomu hazogira agahengekerezo kurusha ico gisagara.


Ariko kubera ufise umutima ukomantaye utagomba kwihana, uriko wikwegera guhanwa, ku musi w’uburake bw’Imana aho urubanza rwayo rugororotse ruzohishurirwa.


Ariko si vyo vyonyene biniha; natwe abizera, naho dufise Mpwemu Yera muri twebwe nk’ivyeze ubwa mbere vy’ubwiza tuzohabwa, turaniha mu mitima yacu kuko turindiranye igishika kugirwa abana b’Imana bwegu, ari kwo gucungurwa kw’imibiri yacu.


Ivyanditswe bivuga biti: “Ivyo amaso atigeze abona, ivyo amatwi atigeze yumva, n’ivyo ubwenge butigeze bwiyumvira, ni vyo Imana yateguriye abayikunda.”


Ariko umusi w’imanza uzogaragaza igikorwa c’umwe umwe wese kuko uzohishuranwa n’umuriro, kandi uwo na wo uzokwerekana agaciro k’igikorwa c’umuntu wese.


Abaja mw’ihiganwa bose bagira imyiteguro ikomeye. Bayigira kugira bazoronke impera ihera, ariko twebwe tugira imyiteguro kugira tuzoronke impera ihoraho.


Ivyo bitarashika, tunihira mu mubiri wacu, turindiriye kwambikwa imibiri yo mw’ijuru nk’ivyambarwa vyacu,


kugira ngo nanje nzobe mw’izuka ry’abapfuye.


Ukwo kwizera n’urwo rukundo vyubakiye ku kwizigira ivyo Imana ibabikiye mw’ijuru. Ivyo vyizigiro na vyo mwabikuye mw’ijambo ry’ukuri mwumvise, ari ryo Butumwa Bwiza.


Kandi baranavuga ukuntu mwiteganye igishika ukugaruka kw’Umwana w’Imana azoza avuye mw’ijuru, ari we Yesu, uwo Imana yazuye mu bapfuye. Ni we yadukijije uburake buzoza.


Ariko mweho bene Data, kuko mutari mu mwijima, uwo musi ntuzobashikako giturumbuka nk’igisuma.


Aho ni ho wa muntu w’umugarariji azoca amenyekana, uwo Umwami Yesu azokwicisha impwemu zo mu kanwa kiwe, agasangangurwa n’ugukayangana kw’ukuza kwiwe.


Nibakora uko, bazoba bariko bariziganiriza ubutunzi nk’urufatiro rwiza rwa kazoza rwo kugira ubuzima nyakuri.


ariko buhishurwa mu kuza kw’umukiza wacu Kristo Yesu, uwasambuye rwose ububasha bw’urupfu, agashira ahabona ubuzima n’ukudapfa biciye mu Butumwa Bwiza.


Ni co gituma ndiko ndababazwa uku. Ariko singira isoni kuko ndazi uwo nizeye, kandi sinkekeranya ko ashoboye kuzigama ico namubikije gushika ku musi w’ukugaruka kwiwe.


Umwami Imana amuhe kuzobona ubuntu buva kuri Kristo ku musi azogarukirako. Murazi ingene yamfashije mu buryo bwinshi igihe nari muri Efeso.


Ni co kimwe n’umunonotsi, ntashobora koronka agashimwe kiretse yahiganwe akurikije amategeko.


Ndakwingingiye mu nyonga z’Imana n’imbere ya Kristo Yesu, azocira urubanza abazima n’abapfuye aho azozira kwima ku ngoma yiwe:


turindiriye ivyizigiro vy’amahirwe, aho ubwiza bw’Imana yacu ihambaye n’Umukiza, ari we Yesu Kristo, buzohishurirwa.


Mu gihe co guhanwa, nta muntu n’umwe anezerezwa n’igihano, kuko kirababaza. Ariko mu nyuma, abaciye muri ukwo guhabwa indero bimbura ivyamwa vy’amahoro no kugororoka.


ni ko na Kristo na we yatanzwe nk’ikimazi rimwe gusa kugira ngo akureho ivyaha vya benshi. Azogaruka irya kabiri atazanywe n’ivyaha, ariko aje gukiza abamwiteze bose.


Harahiriwe umuntu yihanganira ibimugerageza, kuko inyuma y’ukugeragezwa, niyarama azohabwa igitsibo c’ubugingo Imana yasezeraniye abayikunda.


vyo kuzoronka umugabane udashobora guhera, kwononekara canke gusaza. Uwo mugabane uzigamiwe mw’ijuru ku bwanyu.


Kandi aho Umwungere Mukuru azoserukira, muzohabwa igitsibo c’ubwiza kitazokwigera gitakaza ubwiza.


“Ehe azananye n’ibicu,” kandi “amaso yose azomubona; n’abamucimise bazomubona,” kandi isi yose “izoboroga ku bwiwe.” Nibibe gutyo, Amen.


Maze nca mbona ijuru rirugurutse n’ifarasi yera ihagaze imbere yanje. Uwayigenderako yitwa Mwizigirwa na Munyakuri, kuko aca imanza zibereye kandi akagwana intambara mu buryo bugororotse.


Ntuterwe ubwoba n’imibabaro ugiye gucamwo, kuko wa mubi agiye gushira bamwe muri mwebwe mw’ibohero kugira ngo akugerageze. Muzobabazwa imisi cumi. Ariko niwaguma mu bwizigirwa gushika ku gupfa, nzoguha igitsibo c’ubugingo.


Uwushingira intahe ibi aravuga ati: “Egome, ndaza vuba.” Amen. Kaze Mwami Yesu.


ba bashingantahe mirongo ibiri na bane baca bikubita imbere y’uwicaye kuri ya ntebe, bagahimbaza uwuriho ibihe bidashira, bagashira hasi za ngori zabo imbere ya ya ntebe y’inganji, bavuga bati:


Iyo ntebe yari ikikujwe n’izindi mirongo ibiri na zine, zicaweko n’abashingantahe mirongo ibiri na bane bambaye impuzu zera n’ingori z’inzahabu ku mitwe yabo.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ