Yohana ariko arasozera igikorwa ciwe, yavuze ati: ‘Mwibaza ko ndi nde? Sindi wa wundi mwiteze, haba na mba. Ariko hari uwuje inyuma yanje; ntibimbereye no gupfundurura utugozi tw’ibirato vyiwe.’
Ariko mbona ko ubuzima bwanje ata co bwoba bumaze hamwe ntorangiza urugendo, ngansozera igikorwa Umwami Yesu yanshinze co kubwira abantu Ubutumwa Bwiza bw’ubuntu bw’Imana.
Nagiyeyo kubera ko Imana yari yampishuriye ko nkwiye kujayo. Nshitseyo, nabonanye mu mwiherero na bamwe mu barongozi b’ishengero b’imbere, ndabamenyesha Ubutumwa nigisha mu Banyamahanga. Nashaka kumenya neza ko igikorwa nakoze muri kahise n’ico ndiko ndakora ubu bitari ivy’ubusa.