Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




2 Timoteyo 4:16 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

16 Igihe naja kuburana ubwa mbere, nta n’umwe yanshigikiye, bose barantaye. Ntibaze babiharurweko.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

16 Mw ibūrana ryanje rya mbere nta wanyikije, ariko bose barantaye: icompa ntibabiharūrweko.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




2 Timoteyo 4:16
16 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Nibabashengeza mu masinagogi, imbere y’abatware n’abategetsi, ntimuze muhagarikwe imitima n’ivyo muzokwireguza canke muzovuga.


Igihe kiri hafi kandi kirashitse, aho mugiye gushwiragira, umwe wese afate inzira yiwe, munsige jenyene. Ariko sindi jenyene kuko Data ari kumwe nanje.


Arababwira ati: “Bavukanyi namwe bavyeyi, nimwumvirize ukwiregura kwanje.”


Nababwiye ko bitari mu migenzo y’Abaroma gucira urubanza umuntu adahawe umwanya wo kuburana n’abamwitwariye ngo aronke akaryo ko kwiregura ku vyo bamwagiriza.


Aca agwa apfukamye, asemerera ati: “Mwami, ntubaharureko iki caha.” Ahejeje kuvuga ivyo, aca aracikana.


Ruriyoroheje, ntirurondera inyungu zarwo, ntirutwarwa n’ishavu, kandi ntirubika ikibi.


Nimurabe ico uwo mubabaro uvuye ku Mana wakoze muri mwebwe: wabateye umwete mwinshi, ishaka ryinshi ryo kugaragaza ko ata co mwagirizwa, kubabazwa n’akarenganyo, gutinya, inkumbu, ishaka, umwitwaririko wo kubona icaha gihanwa. Muri ivyo vyose mwarerekanye ko mwejejwe.


Barya bandi bo bigisha Kristo ku bw’inyungu zabo, badasunitswe n’umutima utunganye, kuko kugomba kunteza imibabaro mu gihe ndi mw’ibohero.


Birabereye ko ndabiyumvira gutyo mwese, kuko ndabafise ku mutima. Mwese musangiye nanje ubuntu bw’Imana, haba mu gihe ndi mw’ibohero canke ndiko ndagwanira Ubutumwa Bwiza ndabwemanga.


Urazi ko abo muri Aziya bose bantaye, harimwo Figelusi na Heremogeni.


kuko Dema yarantaye aja i Tesalonike, kuko yakunze ivy’iyi si. Kireseni yagiye i Galatiya, Tito na we yagiye i Dalumatiya.


Kandi na wewe umwirinde kuko yaragwanije cane ivyo twigisha.


Ahubwo mu mitima yanyu mwubahe Kristo nk’Umwami. Kandi igihe cose mwame mwiteguye kwishurana ubugwaneza no kwubaha umuntu wese ababajije ivyerekeye ivyizigiro vyanyu.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ