Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




2 Timoteyo 4:1 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

1 Ndakwingingiye mu nyonga z’Imana n’imbere ya Kristo Yesu, azocira urubanza abazima n’abapfuye aho azozira kwima ku ngoma yiwe:

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

1 Ndakwihanikiririza mu nyonga z’Imana no mu za Kristo Yesu azocirakw iteka abazoba bariho n’abazoba bapfuye, kandi no kubgo kuzoboneka kwiwe n’ubgami bgiwe:

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




2 Timoteyo 4:1
35 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Kuko Umwana w’Umuntu agiye kugaruka ari mu bwiza bwa Se, ari kumwe n’abamarayika biwe, hanyuma ahe impembo umuntu wese ikwiranye n’ivyo yakoze.


Ababwira ati: “Umuntu ava mu muryango utunze, yagiye mu gihugu ca kure kwimikwa nk’umwami, hanyuma ngo aheze agaruke.


Ariko arimikwa nk’umwami, hanyuma aragaruka. Aca atumako ba bakozi yaha amahera, kugira arabe ingene bungutse.


Aca avuga ati: “Yesu, uranyibuka niwagaruka mu Bwami bwawe.”


Kandi yadutuma kwigisha abantu no gushinga intahe ko ari we Imana yashiriyeho kuba umucamanza w’abazima n’abapfuye.


kuko yashinze umusi izocira imanza isi mu bugororotsi, ikoresheje uwo yagenye. Iyo Imana yabigaragaje kuri bose mu kumuzura mu bapfuye.”


Nuko rero, ubu ni bwo Butumwa Bwiza mvuga: umusi uraje, aho Imana izocira imanza ivyo abantu bagize amabanga yabo, ibicishije kuri Yesu Kristo.


Aho Kristo, we bugingo bwanyu azoserukira, namwe muzoserukana na we muri mu bwiza.


Aho ni ho wa muntu w’umugarariji azoca amenyekana, uwo Umwami Yesu azokwicisha impwemu zo mu kanwa kiwe, agasangangurwa n’ugukayangana kw’ukuza kwiwe.


Ndakwingingiye mu nyonga z’Imana na Kristo Yesu n’imbere y’abamarayika batoranijwe ngo ukurikize ivyo nakubwiye vyose udacishije i ruhande, kandi ntuze wigere ugira aka mwana wa mama.


ariko buhishurwa mu kuza kw’umukiza wacu Kristo Yesu, uwasambuye rwose ububasha bw’urupfu, agashira ahabona ubuzima n’ukudapfa biciye mu Butumwa Bwiza.


Ibi uzokwame ivyibutsa abantu, ubihanikiririza mu nyonga z’Imana ngo bareke guharirira ku majambo, kuko ata kimazi bifise, kandi bishobora kugwisha abavyumva.


Umwami Imana azonkiza ibitero vy’umwansi vyose, kandi azontahukana amahoro mu bwami bwiwe bwo mw’ijuru. Icubahiro kibe iciwe ibihe vyose, Amen.


Ubu ndindiriye umudari wo kugororoka, uwo Umwami Imana, we mucamanza agororotse, azompa kuri uwo musi. Kandi ntazowuha jewe jenyene, azowuha n’abarindiranye igishika uguhishurwa kwiwe.


turindiriye ivyizigiro vy’amahirwe, aho ubwiza bw’Imana yacu ihambaye n’Umukiza, ari we Yesu Kristo, buzohishurirwa.


Iyo mibabaro iriho kugira ngo ipime ukwizera kwanyu yerekane ko ari ukw’ukuri. Kurya inzahabu ishira igeragereshwa umuriro kugira ngo igaragare ko ari iy’ukuri, ni ko biri no ku kwizera kwanyu. Gufise agaciro kanini cane kurusha ak’inzahabu, ni co gituma gupimwa kugira ngo nikwamara kurama, kuze kubazanire ubwiza, gushimwa n’icubahiro ku musi Yesu Kristo azohishurirwa isi yose.


Ariko mwibuke ko bazorenguka imbere y’intebe y’imanza y’Imana kugira ngo babazwe ivyo bakoze vyose, igihe izocira urubanza abantu bose, abazoba bakiriho n’abazoba barapfuye.


Kandi aho Umwungere Mukuru azoserukira, muzohabwa igitsibo c’ubwiza kitazokwigera gitakaza ubwiza.


kandi muzohabwa ikaze ikomeye cane mu bwami budashira bw’Umwami n’Umukiza wacu Yesu Kristo.


Yahawe na Data Imana, icubahiro n’ubwiza, igihe ijwi rivuye mu bwiza burengeje ryavuga riti: “Uwu ni Umwana wanje, nkunda cane kandi ampimbara.”


Bana nkunda, nimugume muri Kristo kugira ngo aho azohishurirwa tuze dushire amanga, ntitwicwe n’isoni imbere yiwe niyagaruka.


“Ehe azananye n’ibicu,” kandi “amaso yose azomubona; n’abamucimise bazomubona,” kandi isi yose “izoboroga ku bwiwe.” Nibibe gutyo, Amen.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ