1 Umenye neza: mu misi ya nyuma hazoba ibihe bigoye.
1 Arik’ umenye yuko mu misi y’iherezo hazoza ibihe bigoye.
Kuko igihe kigiye kuza aho abantu batazoba bacemera inyigisho z’ukuri. Bazokwumviriza ibiryohera amatwi yabo, birundanirize abigisha bazovuga ivyo bashaka kwumva gusa.
Ica mbere mukwiye kumenya ko mu misi y’iherezo hazoza abacokoranyi, bacokora ukuri kandi bagakurikira ivyipfuzo vyabo bibi.
Bana nkunda, iki ni igihe ca nyuma. Mwarumvise ko antikristo agiye kuza, kandi ba antikristo benshi baramaze guseruka. Iki ni co kitwemeza ko turi mu gihe ca nyuma.
Ariko mweho bakundwa, mwibuke ivyo intumwa z’Umwami wacu Yesu Kristo zari zaravuze imbere y’igihe.
Bababwiye bati: “Mu bihe vy’iherezo hazobaho abacokoranyi bakurikira ivyipfuzo vyabo vyo kutubaha Imana.”