Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




2 Timoteyo 2:8 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

8 Wame wibuka Yesu Kristo yazutse mu bapfuye, yavuye mu muryango wa Dawidi, nk’uko Ubutumwa nahawe buvuga. Ubwo ni bwo mbabarizwa,

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

8 Wame wibuka Yesu Kristo, yazutse mu bapfuye, yakomotse mu ruvyaro rwa Dawidi, nk’uk’ ubutumwa nahawe buvuga:

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




2 Timoteyo 2:8
18 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Uru ni urukurikirane rwa ba sekuruza ba Yesu ari we Kristo, yakomotse kuri Dawidi wo mu ruvyaro rwa Aburahamu:


Arababwira ati: “Handitswe ngo ‘Kristo azobabazwa, apfe, hanyuma azuke mu bapfuye ku musi ugira gatatu,


Mu ruvyaro rw’uyo muntu, ni ho Imana yacishije Yesu, umukiza w’Abisirayeli, nk’uko yari yarabisezeranye.


Ariko Imana yaramuzuye mu bapfuye, imukura mu vyara vy’urupfu, kuko bitashoboka ko urupfu rumugumya.


Yari umuvugishwa w’Imana kandi yari azi ko Imana yari yaramusezeraniye ishizeko n’indahiro ko izokwimika ku ngoma yiwe umwe mu ruvyaro rwiwe.


Imana, yo ishobora kubakomeza mu kwizera, nk’uko Ubutumwa nahawe buvuga ihabwe icubahiro. Ubwo Butumwa buvuga Yesu Kristo kandi bwerekana umugambi Imana ifise kuri mwebwe abanyamahanga, wari waragizwe ibanga kuva kera.


Nuko rero, ubu ni bwo Butumwa Bwiza mvuga: umusi uraje, aho Imana izocira imanza ivyo abantu bagize amabanga yabo, ibicishije kuri Yesu Kristo.


Ubu na ho bene Data, nagomba kubibutsa Ubutumwa Bwiza nababwiye, ubwo mwakiriye mukabugumamwo.


ko yahambwe hanyuma akazuka ku musi ugira gatatu nk’uko Ivyanditswe bibivuga,


Yabahamagariye agakiza biciye mu Butumwa Bwiza twababwiye, kugira ngo muzosangire ubwiza n’Umwami wacu Yesu Kristo.


ziri mu Butumwa Bwiza bw’ubwiza bw’Imana ishemagizwa, ubwo najejwe.


Ni co gituma natowe nk’umuvuzi w’ubwo Butumwa nkongera nkaba intumwa, kugira ngo nigishe Abanyamahanga ivy’ukwizera n’ivy’ukuri. Mvuze ukuri sindengeje urugero.


Nuko rero ntukagire isoni zo gushingira intahe Umwami wacu, kandi ntuterwe isoni nanje imbohe yiwe. Ahubwo ku bw’inkomezi wahawe n’Imana, wemere ubabazanywe nanje ku bw’Ubutumwa Bwiza.


Ufate akanya wiyumvire ku vyo ndiko ndakubarira, Umwami Imana azoguha gutahura muri vyose.


Maze umwe muri ba bashingantahe arambwira ati: “Reka kurira! Ehe, intambwe yo mu muryango wa Yuda, uwukomoka mu muryango wa Dawidi, yaranesheje. Ni we abereye kumena ibintu indwi bimatanije uwo muzingo w’igitabu no kuwugurura.”


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ