Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




2 Timoteyo 2:7 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

7 Ufate akanya wiyumvire ku vyo ndiko ndakubarira, Umwami Imana azoguha gutahura muri vyose.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

7 Umenye ivyo mvuze, kuk’ Umwami wacu azoguha ubgenge muri vyose.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




2 Timoteyo 2:7
40 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

kuko nzobaha amajambo n’ubwenge bizotuma abababuranya badashobora kubahaririza canke ngo babahinyuze.


Aca abugurura ubwenge kugira ngo batahure Ivyanditswe.


“Nimunyumvirize neza kandi mushire umutima ku vyo ngira ndababwire: Umwana w’Umuntu agiye gutabwa mu maboko y’abantu.”


Ariko Umwitsa, ari we Mpwemu Yera, uwo Data azorungika mw’izina ryanje, azobigisha vyose yongere abibutse ivyo nababwiye vyose.


Ariko Mpwemu w’ukuri niyaza, azobarongorera mu kuri kwose. Ntazovuga ivyo yigeneye; ahubwo azovuga ivyo yumvise gusa, kandi azobabwira ibigiye kuba.


maze imukiza amarushwa yiwe yose. Imuha ubwenge budasanzwe n’ikiganza ciza kuri Farawo, umwami wa Egiputa, na we amuha ubutware kuri Egiputa yose no mu bakozi biwe.


Bamwe bahawe na Mpwemu gutanga impanuro zirimwo ubwenge, abandi uwo Mpwemu nyene abaha ubumenyi budasanzwe,


Ibisigaye bene Data, mushire ivyiyumviro vyanyu ku vy’ukuri vyose, ivy’ukwubahwa vyose, ivy’ukugororoka vyose, ibitunganye vyose, ivy’igikundiro vyose, ibishimwa vyose. Ivyo abe ari vyo mwiyumvira.


Ni co gituma, kuva igihe twumviye ivyanyu, tudahengeshanya kubasengera, dusaba Imana ngo ibuzuze ukumenya ivyo igomba mu bwenge bwose n’ugutahura bitangwa na Mpwemu,


Ugire umwete muri ivyo. Witangire igikorwa cawe n’umutima wawe wose, ni ho bose bazobona ugutera imbere kwawe.


Uwaruhiye kw’isuka ni we yari akwiye kuba uwa mbere mu kurya ivyeze vyo mu mwimbu wiwe.


Wame wibuka Yesu Kristo yazutse mu bapfuye, yavuye mu muryango wa Dawidi, nk’uko Ubutumwa nahawe buvuga. Ubwo ni bwo mbabarizwa,


Mwiyumvire ingene yagwanijwe n’abanyavyaha, kugira ngo ntimucike intege mu mitima yanyu.


Mwibuke abarongozi banyu, babigishije ijambo ry’Imana. Murabe ivyiza vyavuye mu buzima bwabo hanyuma mwigane ukwizera kwabo.


Nuko rero bene Data, mwebwe mwahamagawe n’Imana, mwiyumvire cane kuri uwu Yesu, uwo twemera nk’intumwa n’Umuherezi Mukuru wacu.


Mwiyumvire ingene uwu Melekisedeki yari akomeye! Na Aburahamu, sekuruza w’Abisirayeli, yaravyemeje mu kumuha ica cumi c’ivyo yari yanyaze mu rugamba.


Nihaba hariho uwo muri mwebwe akeneye ubwenge bw’Imana, akwiye kubusaba Imana, kuko itanga cane kandi ibikunze. Nta we itera imiragwe kuko ayisavye, kandi azobuhabwa.


“Ubwenge” nk’ubwo ntibwururuka buva mw’ijuru ariko ni ubw’isi, si ubw’impwemu, ni ubwa wa mubi.


Ariko ubwenge buva mw’ijuru ubwa mbere na mbere buratunganye rwose; bukunda amahoro, ntibwishira imbere, buciye bugufi, bwuzuye imbabazi, bwama ivyamwa vyiza, ntibugira nkunzi, ntibugira uburyarya.


Turazi kandi ko Umwana w’Imana yaje akaduha ugutahura, kugira ngo tumenye Imana nyakuri. Ubu turi mu Mana nyakuri kuko turi mu Mwana wayo, Yesu Kristo. Ni we Mana nyakuri kandi ni we bugingo budashira.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ