Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




2 Timoteyo 2:2 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

2 Kandi ivyo wanyumvanye hari ivyabona vyinshi, uzovyigishe abantu b’ukwizerwa, na bo bazoshobora kuvyigisha abandi.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

2 kand’ ivyo wanyumvanye mu maso y’ivyabona vyinshi, ubishikirize abantu bo kwizigirwa, bazoshobora kuvyigisha n’abandi.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




2 Timoteyo 2:2
33 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Na we arababwira ati: “Ni co gituma umwigisha wese w’ivyagezwe, iyo ahindutse umwigishwa mu Bwami bw’ijuru, agereranywa n’umuntu yinjira mu nzu yiwe, agakura mu bubiko bwiwe ivyiza bishasha hamwe n’ivya kera.”


Ehe raba ndabibabwiye imbere y’uko bishika.


Umwami Yesu aramwishura ati: “Mbega umunyabigega w’umwizigirwa kandi w’umunyabwenge ni nde? Ni uwo shebuja ashobora guha ubukuru bwo kuganza abandi bakozi no kubagaburira mu gihe gikwiye.


Iyo umukozi ajejwe ibintu, ico asabwa ni ukuba umwizigirwa.


Ariko Imana ishimwe, yo yatugize imbohe zayo, ikaguma iturongora ubudasiba mu kwigina intsinzi ya Yesu. Iciye kuri twebwe, imenyekanisha Kristo kuri bose nk’umubavu umota neza.


Ntitwibaza ko dushoboye gukora ikintu na kimwe ku bw’inkomezi zacu, ariko Imana ni yo idushoboza gukora vyose.


Mwabubwiwe na Epafura, umukozi w’Imana dukunda kandi dusangiye igikorwa, akaba n’umukozi wa Kristo w’umwizigirwa abakorera.


Ndashimira Umwami wacu Kristo Yesu, we yampaye inkomezi, akambonamwo ubwizigirwa, akanzeza imirimo yiwe.


Timoteyo, mwana wanje, aya ni yo mabwirizwa ndaguhaye, mfatiye ku majambo yigeze kukuvugishwako, kugira ngo niwayakurikiza uze ugwane intambara nziza,


Ntufate minenegwe ingabire yawe, iyo wahawe n’ijambo ryakuvugishijweko, igihe warambikwako ibiganza n’abarongozi b’ishengero.


Ibi niwabishikiriza bene Data, uzoba uri umukozi mwiza wa Kristo Yesu, yagaburiwe ubutumwa bw’ukwizera n’inyigisho nziza wakiriye.


Ntuze wihutire kurambika ibiganza ku bantu, kandi ntuze wifatanye n’abakora ivyaha. Wame wejejwe.


Ugwane intambara y’ukwizera. Uzigame cane ubugingo budashira wahamagariwe, igihe wagira ukwatura kwiza imbere y’ivyabona vyinshi.


Ariko wewe urazi ivyo nigisha n’ukuntu nigenza, n’igituma nkora ivyo nkora. Urazi ukwizera kwanje n’ukwihangana kwanje, urukundo rwanje n’ugushikama kwanje.


Ariko weho, wumire ku vyo wigishijwe ukavyakira. Urazi ko ari ivy’ukuri, kuko urazi uwabikwigishije.


Ni co gituma vyari bikwiye ko ahinduka agasa natwe abavukanyi biwe muri vyose; kugira ngo atubere Umuherezi Mukuru w’umunyembabazi kandi w’umwizigirwa imbere y’Imana, kugira ngo atange ikimazi gikura ivyaha vy’abantu.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ