Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




2 Timoteyo 2:10 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

10 Ni co gituma nihanganira vyose ku bw’abatoranijwe, kugira ngo na bo baronke agakiza kari muri Kristo Yesu, hamwe n’ubwiza butazoshira.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

10 Ni co gituma nihanganira vyose kubg’ abatoranijwe, kugira ngo na bo baronke agakiza kari muri Kristo Yesu, gafatanije n’ubgiza budashira.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




2 Timoteyo 2:10
29 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Kandi iyo iyo misi itagabanywa, nta muntu n’umwe yorokotse. Ariko kubera abatoranijwe, iyo misi izogabanywa.


Kuko abiyita Kristo n’abavugishwa b’ibinyoma bazoza ari benshi, bakore ibimenyetso n’ibitangaza kugira ngo bishobotse bazimize n’abatoranijwe.


Azotuma abamarayika biwe bavuze inzamba isamirane cane, hanyuma begeranye abatoranijwe biwe bose bo mw’isi, kuva aho ijuru ritangurira gushika aho riherera.


Mbega Imana ntizotunganiriza abo yatoranije, bayitakambira ijoro n’umurango? Mbega mwibaza ko izobatevya?


Ariko arabihakana, abwira uwo mugore ati: “Haba na mba, sindanamuzi!”


Kandi si igihugu ca Isirayeli gusa, ahubwo yari agiye gupfira n’abana b’Imana bashwiragiriye mu mahanga, kugira ngo abegeranirize hamwe, abagire umwe.


Data, ndashaka ko abo wampaye babana nanje aho ndi, kugira ngo babone ubwiza bwanje, bumwe wampa, kuko wankunze isi itararemwa.


Ndabasengeye; sinsengeye isi, ariko nsengeye abo wampaye, kuko ari abawe.


Izoha ubugingo budashira abashishikara gukora ivyiza, bakagira umwete mu kurondera ubwiza, icubahiro no kudapfa bitangwa na yo.


Ivyo ibikora kugira ngo ubutunzi bw’ubwiza bwayo burushirize gukayanganira abo yerekanirako imbabazi zayo, bateguriwe ubwo bwiza kuva kera.


Kuko Imana mu bwenge bwayo yabonye ko ab’isi batoyimenya bakoresheje ubwenge bwabo, ni co gituma yahisemwo gukirisha abizera amajambo y’Ubutumwa Bwiza, ayo bamwe bita ubujuju.


Ku banyantegenke nigize umunyantege nke kugira ngo nzane abanyantegenke kuri Kristo. Nabaye vyose kuri bose kugira nkore ibishoboka vyose kugira ngo hagire bamwe muri bo bakizwa.


Kandi nimba turiko turaca mu mibabaro, ni ukugira ngo mwirurwe mwongere muronke agakiza; nimba twiruwe, ni ukugira ngo namwe mwirurwe maze mushobore kwihanganira imibabaro isa n’iyo turiko turacamwo.


None rero nzobaha ivyo mfise nongere ndabihe nanje ubwanje n’umunezero mwinshi. Ninabakunda rwose, mbega muzoca munkunda buhoro?


Imibabaro yose ducamwo ni ku bwanyu, kugira ngo ubuntu bw’Imana buriko burashikira benshi butume amashimwe asesekara, maze Imana ihabwe icubahiro.


Kuko imibabaro yacu naho ari mito kandi y’akanya gato, ituzanira ubwiza bw’akaburarugero kandi buzokwamaho.


Ndabasaba rero ngo ntimwihebuzwe n’imibabaro ndiko ndacamwo ku bwanyu, kuko ni icubahiro canyu.


Ubu nezererewe imibabaro ndiko ndacamwo ku bwanyu. Mu mubiri wanje, ndiko ndashitsa ibisigaye ku mibabaro ya Kristo ku bw’umubiri wiwe, ari ryo Shengero.


Imana yahisemwo kumenyekanisha mu Banyamahanga ubutunzi n’ubwiza bw’iryo banga; iryo banga ni Kristo ari muri mwebwe, ivyizigiro vy’ubwiza.


Kuko Imana itadushiriyeho kuzorakirwa na yo, ariko yadushiriyeho kuronka agakiza mu Mwami wacu Yesu Kristo.


Yabahamagariye agakiza biciye mu Butumwa Bwiza twababwiye, kugira ngo muzosangire ubwiza n’Umwami wacu Yesu Kristo.


Jewe Pawulo, intumwa ya Yesu Kristo, natoranijwe mu kugomba kw’Imana, ndabihawe n’isezerano ry’ubuzima riri muri Kristo Yesu,


None rero na we, mwana wanje, ugirire inkomezi mu buntu turonkera muri Kristo Yesu.


Wifatanye nanje mu kwihanganira imibabaro, nk’umusoda mwiza wa Kristo Yesu.


Jewe Pawulo, umukozi w’Imana n’intumwa ya Yesu Kristo ku bw’ukwizera kw’abatoranijwe n’Imana n’ukumenya ukuri gushikana ku kugororoka,


Kera ntimwari ubwoko, ariko ubu muri ubwoko bw’Imana, kera ntimwari bwagirirwe imbabazi, ariko ubu mwarazigiriwe.


Kandi Imana nyene ubuntu, yabahamagariye ubwiza bwayo muri Yesu Kristo, mumaze kubabazwa igihe gito, izobiyegereza ibakomeze, ibaremeshe.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ