Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




2 Timoteyo 2:1 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

1 None rero na we, mwana wanje, ugirire inkomezi mu buntu turonkera muri Kristo Yesu.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

1 Weho mwana wanje, ugirire ubushobozi mu buntu buri muri Kristo Yesu,

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




2 Timoteyo 2:1
14 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Mube maso, mushikame mu kwizera, mube abagabo, mugire umwete, mugire umutima rugabo.


Ijambo rya nyuma: mukomere mu Mwami wacu no mu bushobozi bwiwe bwinshi.


Timoteyo, mwana wanje, aya ni yo mabwirizwa ndaguhaye, mfatiye ku majambo yigeze kukuvugishwako, kugira ngo niwayakurikiza uze ugwane intambara nziza,


Ndakwandikiye Timoteyo umwana wanje vy’ukuri mu kwizera: Ubuntu, imbabazi n’amahoro biva ku Mana Data wa twese, no ku Mwami wacu Kristo Yesu bibane na we.


Jewe Pawulo, intumwa ya Yesu Kristo, natoranijwe mu kugomba kw’Imana, ndabihawe n’isezerano ry’ubuzima riri muri Kristo Yesu,


Ndakwandikiye mwana wanje nkunda Timoteyo: Ubuntu, imbabazi n’amahoro biva ku Mana Data no ku Mwami wacu Kristo Yesu bibane na we.


Kuko Imana itaduhaye Mpwemu w’ubwoba, ariko yaduhaye Mpwemu w’ububasha, w’urukundo kandi wo kuganza ingeso zacu.


Ni co gituma nihanganira vyose ku bw’abatoranijwe, kugira ngo na bo baronke agakiza kari muri Kristo Yesu, hamwe n’ubwiza butazoshira.


Ariko Umwami Imana yabaye ku ruhande rwanje, ampa inkomezi, kugira ngo mvuge Ubutumwa Bwiza bwuzuye, Abanyamahanga bose babwumve. Umwami Imana yankuye mu menyo y’intambwe.


Ariko mukurire mu buntu no mu kumenya neza Umwami n’Umukiza wacu Yesu Kristo. Icubahiro kibe iciwe uhereye ubu n’ibihe bidashira! Amen.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ