Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




2 Timoteyo 1:3 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

3 Ndashima Imana nkorera n’umutima wanje wose nk’uko ba sogokuruza bayikorera. Nama nkwibuka iyo nsenga ijoro n’umutaga.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

3 Imana, nkorera nkurikiye ba sogokuruza, mfise umutima utanduye, utarimw’ ijwi rinyagiriza ikibi, ndayishimira yuko nkwibuka ubudasība, uko nsenze, ijoro n’umurango.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




2 Timoteyo 1:3
21 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

akaba yari amaze imyaka mirongo umunani n’ine ari umupfakazi. Yama mu rusengero ijoro n’umurango, akorera Imana, asenga kandi yisonzesha.


“Ndi Umuyuda, navukiye i Taruso muri Kilikiya, ariko nakuriye hano i Yerusalemu, nigishwa na Gamaliyeli kwitondera ivyagezwe vya ba sogokuruza mu kuri kwavyo kwose. Nagize ishaka ryinshi ryo kwubaha Imana nk’uko namwe muri hano uwu musi muyubaha.


Maze Pawulo ahanga amaso Inama Nkuru y’Abayuda ababwira ati: “Bavukanyi, gushika uno musi, namye ngendera imbere y’Imana, ata jwi rinyagiriza ikibi.”


Ariko ndemera ko nsenga Imana ya ba sogokuruza nk’uwukurikira ya Nzira, iyo bo bise idini ry’ubuzimire. Nizera ibihwanye n’ivyo ivyagezwe vyigisha vyose, hamwe n’ivyanditswe mu bitabu vy’abavugishwa n’Imana.


Ni co gituma nkora ibishoboka vyoshe kugira namane umutima utanyagiriza ikibi na kimwe imbere y’Imana n’imbere y’abantu.


Abayuda bose barazi ingene nabayeho kuva nkiri umwana, ingene nakuze haba mu gihugu navukiyemwo canke i Yerusalemu.


Muri iri joro nyene, umumarayika w’Imana nitirirwa kandi nkorera, yampagaze i ruhande


Mvuga ukuri nk’uwa Kristo simbesha; ijwi ryo mu mutima wanje na Mpwemu Yera biranshingira intahe:


Iki ni co twishimira: nk’uko umutima wacu ubishingira intahe, twigenjeje neza mw’isi, na canecane muri mwebwe, mu kwezwa no mu kuri biva ku Mana, turongowe n’ubuntu bw’Imana, atari ubwenge bw’abantu.


Ico gihe, nari imbere rwose mw’idini ry’Abayuda, kurusha abandi bo mu runganwe rwanje, kandi nari mfise umwete mwinshi cane wo kwitondera imigenzo ya ba sogokuruza.


sinduhuka gushimira Imana ku bwanyu. Ndabibuka uko nsenze.


Dusenga ubudahumeka ijoro n’umurango, kugira ngo bikunde tugaruke iwanyu tubafashishe ivyo muhajije mu kwizera kwanyu.


uzigamye neza ukwizera, ata jwi rikwagiriza mu mutima. Kuko bamwe baritaye n’ibigirankana, ukwizera kwabo kuba imburakimazi nk’ubwato busavye.


Intumbero y’inyigisho ni ukugira ngo abizera buzure urukundo ruva mu mitima itunganye, itarimwo ijwi ribagiriza ikibi, bafise ukwizera nyakwo.


Umupfakazi atagira ic’epfo ca ruguru, asigaye ari wenyene, ashira ivyizigiro vyiwe mu Mana, akama ayisenga ijoro n’umurango kugira ngo imufashe.


Nama nibuka ukwizera kwawe kwabanje kuba muri nyokuru wawe Lowisi no muri nyoko Ewunike, kandi ndizera ntakekeranya ko kuri no muri wewe.


Wamenye Ivyanditswe Vyera kuva ukiri umwana, na vyo biguha kugira ubwenge bwo kwakira agakiza kabonerwa mu kwizera Kristo Yesu.


Yesu Kristo ntahinduka: uko yari ari ejo ni ko ari uno musi n’ibihe bidashira.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ