Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




2 Timoteyo 1:16 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

16 Ariko Imana igirire ubuntu abo mu nzu kwa Onesiforo, kuko yangendeye kenshi akandemesha. Ntiyigeze aterwa isoni n’uko ndi mw’ibohero.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

16 Umwami agirire abo kwa Onesiforo ikigongwe, kuko yanduhura kenshi, kandi ntiyatewe n’isoni n’umunyororo wanje,

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




2 Timoteyo 1:16
27 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

N’uwahawe zibiri aragenda abigira gutyo nyene, yunguka izindi zibiri.


Harahiriwe abagira imbabazi, kuko na bo bazozigirirwa.


Wa mukuru w’abasoda aca araseruka, aramufata, ategeka ko bamubohesha iminyororo ibiri, hanyuma abaza uwo ari we n’ico yakoze.


Ni co gituma nabinginze ngo muze kugira ngo tuganire, ndabamenyeshe ko mbohewe ivyizigiro ubwoko bw’Abisirayeli bwari bwiteze.”


Baranteye intege nk’uko babateye intege. Abantu nk’abo ni abo gushimira ku bw’ibikorwa vyiza bakora.


ubwo mbereye umuserukizi mw’ibohero. Munsengere ngo ndabuvuge ntatinya, nk’uko bikwiye.


Ni co gituma ndiko ndababazwa uku. Ariko singira isoni kuko ndazi uwo nizeye, kandi sinkekeranya ko ashoboye kuzigama ico namubikije gushika ku musi w’ukugaruka kwiwe.


Igihe yaza i Roma, yarandondeye hose gushika arantora.


Umwami Imana amuhe kuzobona ubuntu buva kuri Kristo ku musi azogarukirako. Murazi ingene yamfashije mu buryo bwinshi igihe nari muri Efeso.


Nuko rero ntukagire isoni zo gushingira intahe Umwami wacu, kandi ntuterwe isoni nanje imbohe yiwe. Ahubwo ku bw’inkomezi wahawe n’Imana, wemere ubabazanywe nanje ku bw’Ubutumwa Bwiza.


Untahirize Pirisila na Akwilasi, n’abo mu muryango wa Onesiforo.


Ndakwinginze rero mwene Data ungirire ubwo buntu ku bw’Umwami; uremeshe umutima wanje muri Kristo.


Urukundo rwawe rwanteye umunezero mwinshi rwongera runtera intege, kuko waremesheje imitima y’abizera.


Mwagirira impuhwe abapfunzwe, kandi iyo babanyaze ivyanyu mwavyemerana umunezero, kuko mwari muzi ko mufise ubutunzi burengeye ubwo kandi buzokwamaho.


Kuko Imana ntirenganya ngo yibagire ibikorwa mwakoze canke urukundo mwerekanye ku bw’izina ryayo mu gukorera abizera, kandi mukaba mukibandanya mubikora.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ