Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




2 Timoteyo 1:12 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

12 Ni co gituma ndiko ndababazwa uku. Ariko singira isoni kuko ndazi uwo nizeye, kandi sinkekeranya ko ashoboye kuzigama ico namubikije gushika ku musi w’ukugaruka kwiwe.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

12 Ni co gituma kandi mbabazwa ntya, yamara ntibintera isoni, kuko nzi uwo nizeye, kandi nzi ntakekeranya yukw ashobora kuzigama ikibītsanyo namubīkije gushitsa kuri wa musi.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




2 Timoteyo 1:12
58 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Ariko ku bijanye n’umusi canke isaha, baba abamarayika bo mw’ijuru canke Umwana ubwiwe, nta n’umwe abizi uretse Data wenyene.


Ku musi w’urubanza, benshi bazombwira ngo: Mwami, Mwami, mbega ntitwavugishwa mw’izina ryawe, kandi si mw’izina ryawe twirukana abadayimoni bakava mu bantu, tugakora n’ibitangaza vyinshi?


Ndababwire ukuri, ku musi w’imanza, i Sodomu hazogira agahengekerezo kurusha ico gisagara.


Yesu aca arasemerera n’ijwi rirenga ati: “Data, mu biganza vyawe ni ho nshize impwemu yanje.” Ahejeje kuvuga ivyo, aca aracikana.


Sindagusavye ngo ubakure mw’isi, ariko ndagusavye ngo ubarinde wa mubi.


Nta muntu n’umwe ashobora kuza aho ndi Data yantumye atamuzanye, kandi nzomuzura ku musi wa nyuma.


Pawulo na Baranaba baca barabishura ata bwoba bati: “Ni mwebwe mwari mukwiye kwumva ijambo ry’Imana ubwa mbere. Ariko ko muryanse, mukabona ko mutabereye ubugingo budashira, duhindukiriye Abanyamahanga.


Ariko Abayuda bosha abagore b’icubahiro bubaha Imana, hamwe n’abagabo baganza igisagara, batangura guhama Pawulo na Baranaba, babirukana muri iyo ntara.


Pawulo aratwishura ati: “Ni kuki murira, mumbabariza umutima? Siniteguriye kubohwa gusa, ahubwo niteguriye no gupfira i Yerusalemu ku bw’izina ry’Umwami Yesu.”


Bakiriko baramutera amabuye, Sitefano arasenga ati: “Mwami Yesu, akira ubugingo bwanje.”


Kandi jewe ubwanje nzomwereka imibabaro yose akwiye gucamwo ku bw’izina ryanje.”


Ubutumwa Bwiza ntibuntera isoni, kuko ni ubushobozi bw’Imana buzanira uwizeye wese agakiza, uhereye ku Muyuda ukageza ku Mugiriki.


iryo Ivyanditswe Vyera bivugako ngo: “Ehe ndashira i Siyoni ibuye ritsitaza, n’urutare rugwisha. Ariko uwumwizera ntazokwigera amaramara.”


Ni we azobaha gushikama gushika kw’iherezo, kugira ngo muzobe mutagira umugayo ku musi Yesu Kristo azogarukirako.


Ariko umusi w’imanza uzogaragaza igikorwa c’umwe umwe wese kuko uzohishuranwa n’umuriro, kandi uwo na wo uzokwerekana agaciro k’igikorwa c’umuntu wese.


Mfise ivyizigiro vyinshi ko ntazokwigera maramazwa, ariko ko nzokomeza gushira ubwoba, nk’uko namye. Kandi ndizera ko ubu n’ibihe vyose Kristo azokwama ahabwa icubahiro mu mubiri wanje, haba mu kubaho kwanje canke mu rupfu rwanje.


Nipfuza kumenya Kristo no kumenya burya bushobozi bwamuzuye mu bapfuye no gusangira na we imibabaro yiwe, nse na we no mu rupfu rwiwe,


Azofata umubiri wacu w’intege nke kandi upfa, awuhindure umubiri w’ubwiza usa n’uwiwe, muri bwa bushobozi afise bumushoboza gushira vyose musi y’inganji yiwe.


Ikirenze kuri ivyo, ni uko ibintu vyose ndavyiyumvira nk’ibitagira ikimazi kubera kumenya ikibirengeye ari co Kristo Yesu, Umwami wanje. Ku bw’uwo, nahevye ibindi vyose, ndabihindura ubusa kugira ngo ndonke Kristo,


mu kugerageza kutubuza kwigisha Abanyamahanga kugira ngo bakizwe. Mu gukora ivyo, birundanirizako ivyaha. Ariko uburake bw’Imana bwabashitseko.


Ariko mweho bene Data, kuko mutari mu mwijima, uwo musi ntuzobashikako giturumbuka nk’igisuma.


Ewe Timoteyo, uzigame neza ico wahawe. Wirinde ibiyago n’impari vy’abiyita abanyabwenge kuko bidahwanye n’ukwizera.


Uzigame ingabire nziza wabikijwe, ufashijwe n’ububasha bwa Mpwemu Yera aba muri twebwe.


Ariko Imana igirire ubuntu abo mu nzu kwa Onesiforo, kuko yangendeye kenshi akandemesha. Ntiyigeze aterwa isoni n’uko ndi mw’ibohero.


Umwami Imana amuhe kuzobona ubuntu buva kuri Kristo ku musi azogarukirako. Murazi ingene yamfashije mu buryo bwinshi igihe nari muri Efeso.


Nuko rero ntukagire isoni zo gushingira intahe Umwami wacu, kandi ntuterwe isoni nanje imbohe yiwe. Ahubwo ku bw’inkomezi wahawe n’Imana, wemere ubabazanywe nanje ku bw’Ubutumwa Bwiza.


gushika aho mbohwa nk’umwicanyi. Ariko ijambo ry’Imana ryo ntiribohwa.


Ubu ndindiriye umudari wo kugororoka, uwo Umwami Imana, we mucamanza agororotse, azompa kuri uwo musi. Kandi ntazowuha jewe jenyene, azowuha n’abarindiranye igishika uguhishurwa kwiwe.


Iri jambo ni iryo kwizigirwa, kandi ndashaka ko ushimikira kuri izi nyigisho kugira ngo abizigiye Imana bose babone kwiyegurira gukora ivyiza. Izo nyigisho ni nziza, zigirira akamaro uwuzumva wese.


Duhange amaso Yesu Kristo, we yatanguje ukwizera kwacu akaba ari na we agushitsa ku gutungana. Umunezero yashizwe imbere ni wo watumye yihanganira umusaraba n’isoni zawo. Ubu yicaye mu kibanza c’iteka i buryo bw’intebe y’inganji y’Imana.


Ni co gituma ashobora kudufasha iyo tugeragezwa, kuko na we yageragejwe n’imibabaro yaciyemwo.


Ni co gituma ashobora gukiza rwose abegera Imana bamwisunze, kuko abaho ibihe vyose abasengera ku Mana.


Kandi biciye muri ukwo kwizera, murakingiwe n’ubushobozi bw’Imana, kugeza mushikiriye ako gakiza kateguwe kuzohishurwa mu gihe c’iherezo.


Ariko nihagira uwubabazwa ahorwa kuba Umukristo, ntibikamutere isoni. Ahubwo ahimbaze Imana kubera iteka atewe ryo kwitirirwa iryo zina!


Nuko rero abababazwa bazira gukora ivyo Imana igomba, bashishikare kubikora, kandi babitse ubugingo bwabo Imana yabaremye, kuko ari iyo kwizigirwa.


Imana irashoboye kubazigama ngo ntimurwe no kubashikana imbere y’ubwiza bwayo mutagira ico mwogawa kandi munezerewe cane.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ