Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




2 Tesalonike 3:8 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

8 kandi nta we twigeze turya ivyokurya tutabiguze. Ahubwo twakora ijoro n’umurango, tukaruha, tukabira icuya kugira ngo ntihagire uwo turemera muri mwebwe.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

8 ntitwarya ivyo kurya vy’ umuntu n’umwe ku busa, ariko twagira ubutame n’ubucumukure, dukora ku murango no mw ijoro, kugira ngo ntitugire umuntu muri mwebge tugora.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




2 Tesalonike 3:8
14 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Kubera ko bari basangiye umwuga wo kujisha amahema, yaciye abana na bo, barakorana.


Namwe ubwanyu murazi ko nakoresheje amaboko yanje nkibeshaho nkongera nkabeshaho n’abo twagendana.


Dukoresha amaboko yacu tukaruha kugira ngo turonke ibidutunga. Duhezagira abatuvuma, tukihanganira guhamwa.


Mbega sinemerewe guhabwa ivyokurya n’ivyo kunywa?


Narakoze cane ndaruha, rimwe na rimwe nkarara maso. Narashonje ndanyoterwa, mfata ingendo ntagira imfungurwa, nicwa n’imbeho, ngenda gusa.


Kandi igihe nari kumwe namwe ngakena, nta we nigeze ndemera, kuko bene Data baje bava i Makedoniya bamfashishije ivyo nari nkeneye vyose. Namye nirinda kuremera umuntu n’umwe mu kintu na kimwe, kandi nzokwama ukwo.


Uwiba ntakongere kwiba, ariko atangure gukora, akoreshe amaboko yiwe mu buryo bwiza kugira ngo aronke ikimutunga n’ico gufashisha umukene.


Nta nkeka, bene Data, ko mwibuka uburuhe n’ukubabazwa vyacu; ingene twakora ijoro n’umurango kugira ngo ntihagire umuntu n’umwe turemera igihe twariko tubabwira Ubutumwa Bwiza bw’Imana.


Mugire ishaka ryo kubaho ubuzima butekanye; umwe wese yiteho gukora ibimwerekeye kandi ajejwe, no gukoresha amaboko yiwe nk’uko twabibabwiye.


Abo bantu turabategetse tubinginga mw’izina ry’Umwami wacu Yesu Kristo ngo bame bakora kugira ngo babone kwibeshaho.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ