Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




2 Tesalonike 2:7 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

7 Kuko ubushobozi bw’umugararizo n’ubu buriko burakorera mw’ibanga, kandi buzoguma gutyo gushika ikimutangira kivuye mu nzira.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

7 Kukw ibanga ry’umugararizo n’ubu ririko rirakora, mugabo har’ ūbibuza none, gushitsa igihe azokūrirwaho.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




2 Tesalonike 2:7
9 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Ndazi ko ninamara kugenda hazokwaduka abigisha b’ibinyoma bameze nk’amabingira y’inkazi binjire muri mwebwe, kandi bazogirira nabi ubusho.


Kandi murazi ko igitumye ataraza ubu, ari kugira ngo azohishurwe igihe gikwiye kigeze.


Ikirengeye ivyo umuntu yokwibaza vyose, ikinyegezwa c’ukwizera kwacu kirahambaye: Kristo yabonetse mu mubiri, yemezwa na Mpwemu Yera, abonwa n’abamarayika, amenyekanishwa mu mahanga, yizerwa n’abo mw’isi, aduzwa mu bwiza bwo mw’ijuru.


Bana nkunda, iki ni igihe ca nyuma. Mwarumvise ko antikristo agiye kuza, kandi ba antikristo benshi baramaze guseruka. Iki ni co kitwemeza ko turi mu gihe ca nyuma.


Ariko umuntu avuga ko avugishwa n’Imana ariko ntiyature Yesu, uwo ntava ku Mana. Umuntu nk’uwo afise impwemu ya antikristo, uwo mwumvise ko azoza kandi aramaze gushika mw’isi.


Ibi ni vyo vyari vyanditse mu ruhanga rwiwe: babiloni hahambaye nyina w’abamaraya bose n’ibihumanya vyo kw’isi.


Wa mumarayika arambarira ati: “Kubera iki utangaye? Reka ndagusigurire ibinyegezwa vy’urya mugore n’ico gikoko agenderako gifise imitwe indwi n’amahembe cumi.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ