Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




2 Tesalonike 2:2 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

2 turabinginze ngo ntimunyiganyige canke ngo muhagarike imitima kubera inyigisho womenga zivuye kuri twebwe (vyaba biciye mu buryo bwo kuvugishwa, canke amajambo canke ikete) zibabwira ko umusi w’Umwami wacu umaze gushika.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

2 ntimushōke munyiganyiga ngo mugwe igihūmura, canke ngo muhagarike imitima, naho mwoba mubitewe n’impwemu canke n’ijambo canke n’icete kimeze nk’ikivuye kuri twebge, kivuga yuk’ umusi w’Umwami wacu uhejeje gushika.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




2 Tesalonike 2:2
27 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Kuko abiyita Kristo n’abavugishwa b’ibinyoma bazoza ari benshi, bakore ibimenyetso n’ibitangaza kugira ngo bishobotse bazimize n’abatoranijwe.


Nimwumva intambara n’inkuru zivuga ivy’intambara hirya no hino, ntimuze muhagarike imitima. Ivyo bitegerezwa gushika, ariko iherezo rya vyose ntirizoba rirashika.


Nimwashobora kwihangana muzorokora ubugingo bwanyu.


Nimwumva intambara n’imigumuko, ntimuze muhagarike imitima. Ivyo bitegerezwa kubanza gushika, ariko iherezo rya vyose ntirizoba rirashika.”


“Ntimuhagarike imitima yanyu, mwizere Imana kandi nanje munyizere.


Amahoro yanje ndayabasigaranye, kandi amahoro yanje ndayabahaye. Jewe singaba nk’uko isi igaba. None rero ntimuhagarike imitima canke ngo mugire ubwoba.


Ni we azobaha gushikama gushika kw’iherezo, kugira ngo muzobe mutagira umugayo ku musi Yesu Kristo azogarukirako.


Abavugishwa n’Imana bategerezwa kuganza impwemu zabo, bagakuranwa kuvuga,


Kubera ibihe bigoye turimwo, niyumvira ko umuntu yoguma uko asanzwe ari ubu.


Ntihagire uwubahendesha amajambo atagira ikimazi, kuko ibintu nk’ivyo bizana uburake bw’Imana ku batayumvira.


maze ntimunyiganyizwe n’ibibagerageza. Ariko murazi neza ko ivyo biri mu vyo twateguriwe.


Dufatiye kw’Ijambo Umwami yivugiye, turababwiye ko natwe abazoba bakiri bazima, dusigaye gushika ku kugaruka kw’Umwami, tutazotanga abamaze gupfa kumusanganira.


kuko musanzwe muzi neza ko umusi Umwami wacu azogarukirako uzoshika nk’igisuma mw’ijoro.


None rero bene Data, mushikame, mwumire ku vyo twabigishije, haba mu majambo twababwiye canke mw’ikete twabandikiye.


Jewe Pawulo, ndabandikiye ndabatasha n’ukuboko kwanje, ni co kimenyetso mu makete yanje yose. Uku ni ko nandika.


Ariko ca gikoko gica gifatwa mpiri hamwe na wa muvugishwa w’ibinyoma yakora ibitangaza mw’izina ryaco. Ivyo bitangaza ni vyo cahendesha bamwe bashirwako ikimenyetso caco, bagasenga n’igishushanyo caco. Ca gikoko na wa muvugishwa w’ibinyoma baca batererwa mu kiyaga caka umuriro.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ