Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




2 Tesalonike 2:10 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

10 Azokoresha uruhendo rw’uburyo bwose kugira ashobore kuzimiza abaja mu mahonero, kuko banse gukunda no kwemera ukuri ari kwo kwari kubakiza.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

10 n’ubugunge bgose bgo kugabitanya ku bahona, kuko batemeye gukunda ivy’ ukuri ngo bakizwe.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




2 Tesalonike 2:10
29 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Yesu arabishura ati: “Ni mwebwe mwahawe kumenya amabanga y’ivy’Ubwami bw’ijuru, ariko bo ntibabihawe.


Erega Imana ntiyatumye Umwana wayo kw’isi gucira urubanza abari kw’isi, ahubwo yamutumye kugira ngo ibakize biciye muri we.


Si ukuvuga ko nkeneye intahe z’abantu; ariko ibi ndabivuze kugira ngo mukizwe.


Bene Data, ico umutima wanje wipfuza cane kandi nsaba Imana, ni uko Abisirayeli bokizwa.


Kuko abakora ivyo, ntibariko bakorera Umwami wacu Kristo, ahubwo bakorera inyungu zabo gusa. Amajambo yabo yo kuryosharyosha hamwe n’imvugo nziza, ni vyo bahendesha abantu b’imitima yoroshe.


Ariko, Imana ishimwe, kuko naho mwigeze kuba abagurano b’icaha, ubu mwarumviye n’imitima yanyu yose ukuri kuri mu nyigisho mwakiriye.


Mu bisanzwe ubutumwa bw’umusaraba ni ubujuju ku bariko barahona, ariko kuri twebwe abariko barakizwa, ni ubushobozi bw’Imana.


Nimba hariho uwudakunda Umwami, uwo aravumwe. Kaze Mwami!


Kuko abo bantu si intumwa z’ukuri, ni ababeshi bigira intumwa za Kristo.


Nta gitangaje rero, n’abakozi biwe bashobora kwigira abakozi b’abagororotsi. Ku muhero wa vyose bazoronka impera ihwanye n’ibikorwa bakora.


Kuko ku Mana turi ubumote bwa Kristo, ku bariko barakizwa n’abariko baraja mu mahonero.


Twebwe ntituvuga ijambo ry’Imana turondera inyungu nk’uko benshi babigira. Ahubwo muri Kristo tuvuga ukuri kwo mu mitima yacu turi imbere y’Imana, nk’abatumwe na yo.


Aho rero ni ho tutazosubira kumera nk’inzoya, ngo dukubebwe tujanwa hirya no hino n’imipfunda, twongera tuzungagizwa n’umuyaga uwo ari wo wose w’inyigisho z’ibinyoma n’amayeri vy’abantu bazimiza.


mu kugerageza kutubuza kwigisha Abanyamahanga kugira ngo bakizwe. Mu gukora ivyo, birundanirizako ivyaha. Ariko uburake bw’Imana bwabashitseko.


hanyuma kubera yuko banse kwizera ukuri, ariko bakanezerererwa ikibi bazocirirwe urubanza.


Ariko birabereye ko dushima Imana ku bwanyu, bene Data bakundwa n’Imana, kuko muri nk’ivyeze ubwa mbere Imana yatoranirije ngo mukizwe biciye mu gikorwa c’ukweza ca Mpwemu no mu kwizera ukuri.


yo ishaka ko abantu bose bakizwa bagashika ku kumenya ukuri.


Ahubwo, muhanurane imisi yose, tugishobora kuvuga “uwu musi,” kugira ngo ntihagire n’umwe muri mwebwe akomantazwa no guhendwa n’icaha.


Abo bantu bo, batuka ivyo badatahura. Bameze nk’ibikoko gusa, bitagira ubwenge, vyavukiye gufatwa no kwicwa, kandi abo na bo bazohona nka vyo.


Kuko bavuga amajambo ata co amaze kandi yo kwishira hejuru, bagakoresha ivyipfuzo vy’ubusambanyi n’ivya kamere muntu, kugira ngo basuke abatarakomera, bakiva mu buzima bw’abagendera mu kinyoma.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ