Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




2 Tesalonike 1:5 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

5 Ivyo vyose ni ivyerekana ko urubanza rw’Imana rubereye, kandi icamwa c’ivyo ni uko muzoharurwa nk’ababereye Ubwami bw’Imana, ubwo muriko murababarizwa.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

5 Ico n’ikimenyetso co guca amateka kw’ Imana kugororotse, ngo muze mwemererwe gushika mu bgami bg’Imana, ubgo namwe mubabarizwa.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




2 Tesalonike 1:5
28 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Ariko abazoba babereye gushika muri ya si izoza no mw’izuka ry’abapfuye ntibazorongora canke ngo barongorwe.


Nuko rero mwame maso, musenge kugira ngo muze muronke inkomezi zibashoboza kurengana ivyo vyose, no kugira ngo muze mushobore guhagarara imbere y’Umwana w’Umuntu.”


Pawulo na Baranaba baca barabishura ata bwoba bati: “Ni mwebwe mwari mukwiye kwumva ijambo ry’Imana ubwa mbere. Ariko ko muryanse, mukabona ko mutabereye ubugingo budashira, duhindukiriye Abanyamahanga.


binginga abigishwa ngo bagume bahagaze mu kwizera. Bababwira bati: “Dutegerezwa guca mu bitubabaza vyinshi kugira twinjire mu Bwami bw’Imana.”


Ariko kubera ufise umutima ukomantaye utagomba kwihana, uriko wikwegera guhanwa, ku musi w’uburake bw’Imana aho urubanza rwayo rugororotse ruzohishurirwa.


Kandi ko turi abana, turi n’abaragwa: turi abaragwa b’Imana, abaraganwa na Kristo. Ariko nimba dushaka gusangira na we ubwiza bwiwe, dutegerezwa gusangira n’umubabaro wiwe na wo.


Nuko, Jewe nk’imbohe y’Umwami, ndabinginga ngo mubeho ubuzima bubereye ihamagarwa ryanyu mwahamagawe n’Imana.


Ntimuterwe ubwoba n’ababagwanya. Ico ni co kizobabera ikimenyetso ko bagiye kurandurwa, ariko ko mwebwe mugiye kuronka agakiza, na ko kakaba kava ku Mana yonyene.


mushima Data yabashoboje gusangira n’abera biwe umugabane mu bwami bw’umuco.


Bene Data, namwe mwabaye nk’amashengero y’Imana muri Kristo Yesu ari i Yudaya: mwahamwe n’ab’iwanyu nk’uko ayo mashengero na yo yahamwe n’Abayuda,


Ni co gituma twama tubasengera, dusaba Imana ngo ibafashe kugira ubuzima buhwanye n’umuhamagaro wayo, kandi kugira ngo mu bubasha bwayo, ishitse intumbero nziza n’ibikorwa vyiza vyanyu vyose biva mu kwizera.


Nitwihangana, tuzoganzanya na we. Nitwamwihakana, na we azotwihakana.


Ni nde atazogutinya ga Mwami, ngo aheshe icubahiro izina ryawe? Ni wewe wenyene wera. Amahanga yose azoza, apfukame imbere yawe agusenge, kuko ibikorwa vyawe vy’ukugororoka vyaramenyekanye.”


Nca numva igicaniro cishura giti: “Egome, Mwami Imana Mushoboravyose, imanza zawe ni iz’ukuri kandi ziragororotse.”


kuko imanza zayo ni iz’ukuri kandi ziragororotse. Yaciriye urubanza wa mumaraya akomeye, umwe yononesha isi ubusambanyi bwiwe. Yaramwihoye ku bw’amaraso y’abakozi bayo.”


Ariko uracafise abantu bakeya i Sarudi batanduje impuzu zabo. Abo bazogendana nanje bambaye imyambaro yera kuko birababereye.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ