Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




2 Tesalonike 1:3 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

3 Bene Data, birabereye ko dushima Imana ku bwanyu, kuko ukwizera kwanyu kubandanya gukomera, kandi n’urukundo mugiriranira hagati yanyu na rwo rukaba ruguma rugwira.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

3 Biradukwiye kwama tubashimira Imana, bene Data, nk’uko bikwiye, kuk’ ukwizera kwanyu gukura cane, n’urukundo rw’ umuntu wese muri mwebge mukundana rugwira.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




2 Tesalonike 1:3
26 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Vyari bikwiye ko tugira umusi mukuru tukanezerwa kuko umuvukanyi wawe yari yarapfuye none arazutse, yari yarazimiye none arazimurutse.’ ”


Intumwa zibwira Umwami Yesu ziti: “Mwigisha, twongerereze ukwizera.”


Ishami ryose ryo kuri jewe ritama ararica, ariko ishami ryose ryama ararituturira akarituganya kugira ngo rirushirize kwama.


Imbere ya vyose, nagomba gushimira Imana yanje ku bwa mwebwe mwese ndabicishije kuri Yesu Kristo, kuko ukwizera kwanyu kwamamaye mw’isi yose.


Nama nshima Imana ku bwanyu ku bw’ingabire y’ubuntu mwaherewe muri Kristo Yesu.


Kandi ntidushobora no kwirata ngo turondere kwemerwa ku bw’ibikorwa vyakozwe n’abandi. Ivyizigiro vyacu ni uko ukwizera kwanyu kuzobandanya gukura, igikorwa cacu muri mwebwe kikaguka,


mushimira vyose Imana Data imisi yose, mw’izina ry’Umwami wacu Yesu Kristo.


Birabereye ko ndabiyumvira gutyo mwese, kuko ndabafise ku mutima. Mwese musangiye nanje ubuntu bw’Imana, haba mu gihe ndi mw’ibohero canke ndiko ndagwanira Ubutumwa Bwiza ndabwemanga.


Ico nsengera ni uko urukundo rwanyu rworushiriza kugwira, kandi mugakomeza kwunguka ubwenge n’ugutahura,


Kandi dusenga ngo Imana yongerereze kandi isesekaze urukundo mugiriranira muri mwebwe, n’abandi bose, nk’uko urwacu rumeze kuri mwebwe.


Ubu rero Timoteyo aherutse kugaruka avuye iwanyu, kandi yatuzaniye inkuru nziza y’ukwizera n’urukundo vyanyu. Yatubwiye ko mugira umunezero iyo mutwibutse, kandi ko mwipfuza gusubira kutubona nk’uko natwe twipfuza gusubira kubabona.


Mbega ni gute twoshimira Imana bikwiye umunezero dufise ku bwanyu?


Bene Data, twarababwiye uko mukwiye kwigenza kugira ngo munezereze Imana, kanatsinda ni ko mubayeho. Ubu naho turabasaba tubinginga mw’izina ry’Umwami Yesu ngo murushirize.


Bene Data, ku bijanye n’ukugaruka kw’Umwami wacu Yesu Kristo hamwe n’ingene tuzomusanganira tukabana na we,


Ariko birabereye ko dushima Imana ku bwanyu, bene Data bakundwa n’Imana, kuko muri nk’ivyeze ubwa mbere Imana yatoranirije ngo mukizwe biciye mu gikorwa c’ukweza ca Mpwemu no mu kwizera ukuri.


Ubu rero ko mwiyejeje mu kwumvira ukuri, bigatuma mugiriranira urukundo ruva ku mutima vy’ukuri, nimukundane cane nk’abavukana kandi n’imitima yanyu yose.


Nibaza ko ari vyiza kubibibutsa nkiri muri uru rusago ari rwo mubiri,


Ariko mukurire mu buntu no mu kumenya neza Umwami n’Umukiza wacu Yesu Kristo. Icubahiro kibe iciwe uhereye ubu n’ibihe bidashira! Amen.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ