Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




2 Petero 3:1 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

1 Bakundwa, iri ni ikete rya kabiri ndabandikiye. Muri ayo yose uko ari abiri, nagomba gukangura imitima yanyu ngo mwiyumvire neza ku vyo nabandikiye.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

1 Abo nkunda, non’ iki ni co cete ca kabiri mbandikiye, mur’ ivyo vyompi ndakangura imitima yanyu ikeye, mbibutsa;

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




2 Petero 3:1
15 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Harahiriwe abafise imitima itanduye, kuko bazobona Imana.


Naraburiye abagumye mu vyaha igihe nabagendera ubwa kabiri. N’ubu ndabibasubiriyemwo n’aho tutari kumwe: ninagaruka, sinzokwihanganira umuntu n’umwe,


Ntuze wihutire kurambika ibiganza ku bantu, kandi ntuze wifatanye n’abakora ivyaha. Wame wejejwe.


Ni co gituma ndakwibutsa kwongera kwatsa ingabire Imana yaguhaye igihe nakurambikako ibiganza.


Bakundwa, n’aho tuvuga aya majambo, turizera ko muri mu nzira nziza; inzira ibashikana ku gakiza.


Ubu rero ko mwiyejeje mu kwumvira ukuri, bigatuma mugiriranira urukundo ruva ku mutima vy’ukuri, nimukundane cane nk’abavukana kandi n’imitima yanyu yose.


Bakundwa, ndabahanura, ko muri abashitsi n’ingenzi mw’isi, mwirinde ivyipfuzo vy’umubiri vyama bigwanya imishaha yanyu.


Nuko rero, bakundwa, ko murorereye ivyo, mugire umwete wo kuzosangwa mutagira umugayo, canke agasembwa imbere y’Imana mufitaniye amahoro na yo.


Nuko rero, bakundwa, ko musanzwe mubizi, mwame mugavye kugira ngo ntimuzimizwe n’inyigisho mbi z’abantu b’abagarariji ngo munyiganyige muve mu kibanza canyu.


Ariko ntimwibagire iki kimwe, bakundwa: Ku Mwami umusi umwe ni nk’imyaka igihumbi, n’imyaka igihumbi ni nk’umusi umwe.


Naho mwari musanzwe mubizi vyose, ndashaka kubibutsa ko Umwami Imana yatabaye ubwoko bw’Abisirayeli akabukura mu gihugu ca Egiputa, ariko hanyuma yahoneje abatizeye bo muri bo.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ