Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




2 Petero 1:21 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

21 Kuko ukuvugishwa kutava mu gushaka kw’umuntu, ariko abantu bavuga ibivuye ku Mana nk’uko bari barongowe na Mpwemu Yera.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

21 kukw ata jambo ry’abāvugishwa n’Imana ryazanywe no kugomba kw’umuntu, arikw abantu bāvuga ivyava ku Mana, barōngōwe na Mpwemu Yera.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




2 Petero 1:21
29 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Dawidi ubwiwe, aho yavugishwa na Mpwemu Yera, yavuze ati: ‘Uhoraho yabwiye Umwami wanje ati: Icara i buryo bwanje, kugeza abansi bawe bose, ndabashize musi y’ibirenge vyawe.’


(nk’uko yabisezeranye kera ikoresheje abavugishwa bayo bera),


ababwira ati: “Bene Data, Ivyanditswe vyategerezwa gushika kuri Yuda, umwe yaza arongoye abaje gufata Yesu. Ivyo Mpwemu Yera yari yarabivuze kera aciye kuri Dawidi.


Nuko hagera ko bataha bagiharira, hanyuma Pawulo ababwira ijambo ryo kubasezera ati: “Mpwemu Yera yavuga ukuri igihe yavuga kuri ba sogokuruza banyu, avugishije Yesaya ati:


Ariko uko ni ko Imana yashikije ivyo yari yaravugiye mu kanwa k’abavugishwa na yo bose, ivuga ko Kristo akwiye kubabazwa.


Kandi na Mpwemu Yera na we arabitwemeza. Kuko avuga ngo:


Ni co gituma Mpwemu Yera avuga ati: “Uwu musi nimwumva ijwi ryiwe,


Muri ibi vyose, Mpwemu Yera yariko yerekana ko inzira yinjira Ahera h’Ahera itari bwuguruke, igihe cose iryo hema ryo gusengeramwo rya mbere ryari rikihari.


Mpwemu wa Kristo yari muri bo yaguma avuga ivyerekeye imibabaro ya Kristo n’ubwiza buzoyiherukira bitaraba; na bo bagashaka kumenya igihe ivyo bizoshikira n’uko bizogenda.


Numvise ivyo nca nikubita hasi nubamye ngo ndamusenge. Ariko aca ambwira ati: “Ntugakore ivyo! Nanje ndi umukozi w’Imana co kimwe na we na bene So bashingira intahe ukwizera bafise muri Kristo. Usenge Imana yonyene. Kuko ugushingira intahe Yesu ni impwemu y’ubuvugishwa.”


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ