2 Korinto 9:13 - Bibiliya mu Kirundi coroshe13 Kubera igikorwa mukora, bazohimbaza Imana kubera ukwumvira kwanyu guherekeza Ubutumwa Bwiza bwa Kristo muvuga, n’umutima w’urukundo mwerekana mu kubafasha no mu gufasha n’abandi na bo. အခန်းကိုကြည့်ပါ။Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)13 Kuk’ uburyo mwageragejwe n’ukwo kugabura bgatumye abo bahimbaza Imana yuko muyumvira, mwātura ubutumwa bgiza bga Kristo, kandi yuko mwagize ubuntu bginshi bgo kubafasha no gufasha abandi bose. အခန်းကိုကြည့်ပါ။ |
Woba wahawe ingabire yo kuvuga? Uvuge nk’aho Imana ari yo iriko ivugira muri wewe. Woba wahawe ingabire yo gufasha abandi, bikorane inkomezi zose Imana itanga. Ivyo bizotuma muri vyose Imana ihabwa icubahiro mw’izina rya Yesu Kristo. Icubahiro cose n’ubushobozi bibe ivy’Imana ubu n’ibihe bidashira! Amen.