Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




2 Korinto 9:10 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

10 None rero uwuha imbuto umurimyi akamuha n’ivyokurya, azobuzuriza imbuto mu bigega, yongere agwize umwimbu w’ukugororoka kwanyu.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

10 Kand’ Īha umubivyi imbuto n’imitsima yo kurya, ni yo izobaha, ibongeranirize imbuto zanyu zo kubiba, kand’ izogwiza imbuto z’ukugororoka kwanyu.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




2 Korinto 9:10
16 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Mwirinde ntimukore ibikorwa vyo kugororoka murondera gushimwa n’abantu. Kuko nimwabikora gutyo, So wo mw’ijuru ntazobaha impera.


Ico gikorwa ntikizofasha mu kuronsa abera ivyo bakeneye gusa, ariko kizotuma banahimbaza Imana n’umunezero mwinshi muriko muragikora.


Mwibuke bene Data: ababiba bike bimbura bike, kandi ababiba vyinshi bimbura vyinshi.


Ngomba kandi kwongera kubabaza, mbega Imana yabahaye Mpwemu Yera yongera ikorera ibitangaza muri mwebwe kubera mwitondera ivyagezwe? Canke ni kubera mwizeye ivyo mwumvise?


(kuko icamwa c’umuco ni ineza y’uburyo bwose, ukugororoka n’ukuri),


Ndabipfuriza kwama mwuzuye ivyamwa vy’ukugororoka biva kuri Kristo Yesu, kugira ngo biheshe Imana icubahiro n’amashimwe.


Ibi sindabivugishijwe no gushaka ibindi, ariko nipfuje kubashimira ku neza mwangiriye.


Kandi dusenga ngo Imana yongerereze kandi isesekaze urukundo mugiriranira muri mwebwe, n’abandi bose, nk’uko urwacu rumeze kuri mwebwe.


Kandi ni ko biri, urwo rukundo mwararwerekanye kuri bene Data bose b’i Makedoniya. Bene Data, turabinginga, ngo murushirizeho kwerekana urukundo nk’urwo.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ