Benshi mu Bisirayeli ubu ni abansi b’Ubutumwa Bwiza, kandi ivyo bizanira inyungu mwebwe abanyamahanga. Ariko, ku bijanye no gutoranywa, iracabakunda kubera ba Sekuruza babo Aburahamu, Isaka na Yakobo.
Ariko mwebwe, Mpwemu Yera mwahawe na Kristo aguma muri mwebwe, ni co gituma mudakeneye umuntu wo kubigisha. Uwo Mpwemu arabigisha ivyo mukwiye kumenya vyose, kandi ivyo abigisha ni ivy’ukuri; nta binyoma birimwo. Nuko mugume muri Kristo, nk’uko Mpwemu yabigishije.