Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




2 Korinto 8:8 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

8 Ibi sindabibabwira nk’itegeko, ariko nshaka kumenya ko urukundo rwanyu atari uruheyiheyi tugereranije n’umwete ayandi mashengero afise.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

8 Simbivugiye kubagera, ariko mbivugiye kugeza urukundo rwanyu kw ar’urw’ ukuri, ndarugeragereshe umwete w’abandi.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




2 Korinto 8:8
19 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Urukundo rwanyu ntirube urw’agahemo. Mwanke ibibi, mwumire ku vyiza.


Abandi na bo, ibi ni vyo ndababwira, ariko ni jewe ubwanje, si Umwami Imana: mwene Data niyaba afise umugore atizera hanyuma uwo mugore agashaka kugumana na we, ntaze amwirukane.


Ku vyerekeye abatararongorwa, nta bwirizwa nahawe n’Umwami, ariko ndababwira ico niyumvira nk’umuntu w’umwizigirwa yagiriwe ubuntu n’Umwami.


Ibi ndabibabwiye nk’impanuro si itegeko ndabahaye.


Ivyo dukora vyose tubikorana imitima itanduye, dufise ubwenge, dufise ukwihangana n’ubugwaneza biva kuri Mpwemu Yera, no mu rukundo atari uruheyiheyi.


Iyi ni yo nama yanje y’uko bikwiye kugenda: mu mwaka uheze mwabaye ab’imbere atari mu gutanga gusa, ariko no mu gufata ingingo yo kubikora.


Nuko rero nimubereke, imbere y’amashengero, icemeza ko urukundo mubafitiye ari urw’ukuri kandi ko dufise imvo ituma tubanezerererwa.


kuko ndazi inyota mufise yo gufasha. Namye ndavyirata kw’ishengero ry’i Makedoniya, ndababwira ko kuva mu mwaka uheze mwebwe abo muri Akaya mwari mwamaze kuvyitegurira, kandi ishaka ryanyu ni ryo ryatumye benshi bo mw’ishengero ry’i Makedoniya batangura gutanga.


Umuntu wese atange ikivuye ku mutima. Ntimupfe gutanga canke ngo mutange kuko mubitegetswe, kuko Imana ikunda uwutangana umunezero.


Ahubwo, tuzovuga ukuri mu rukundo, dukure mu buryo bwose, kugeza dushike ku gusa na Kristo, we mutwe w’umubiri ari ryo shengero ryiwe.


Ubuntu bube ku bakunda Umwami wacu Yesu Kristo hamwe n’urukundo rudahera.


Kandi turondere ingene twoterana intege zo gukundana no gukora ibikorwa vyiza.


Ubu rero ko mwiyejeje mu kwumvira ukuri, bigatuma mugiriranira urukundo ruva ku mutima vy’ukuri, nimukundane cane nk’abavukana kandi n’imitima yanyu yose.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ