Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




2 Korinto 8:7 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

7 Ariko nk’uko muri agakura mu kwizera, mu mvugo, mu bumenyi, mu mwete mwinshi no mu rukundo mudufitiye, mube agakura muri ubwo buntu bwo gutanga.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

7 Ariko nk’uko murushiriza kugira vyose — ukwizera, n’amajambo, n’ubgenge, n’umwete mwinshi, n’urukundo mudukunda — ni murushirize no kugira ubgo buntu na bgo.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




2 Korinto 8:7
25 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Uwari yasigaranywe italanto zibiri na we araza, avuga ati: ‘Databuja, wari wansigaranye italanto zibiri; none raba, nungutse izindi zibiri.’


Bene Data, jewe ubwanje ndazi neza ntakekeranya ko mwuzuye ineza n’ubumenyi bwose kandi ko mushoboye kwigishanya.


Muri we mwahawe ubutunzi mu buryo bwose, haba mu mvugo no mu bumenyi mufise.


Twese twabatijwe na Mpwemu umwe mu mubiri umwe: Abayuda, Abagiriki, abagurano, n’abidegemvya, kandi twese twahawe Mpwemu umwe.


Bamwe bahawe na Mpwemu gutanga impanuro zirimwo ubwenge, abandi uwo Mpwemu nyene abaha ubumenyi budasanzwe,


Naho nogira ingabire yo kuvugishwa n’Imana, nkagira ukwizera kwokwimura imisozi ariko ntagira urukundo, vyoba ari ubusa.


Kuvugishwa n’Imana, kuvuga mu ndimi zitamenyekana, n’ubwenge budasanzwe bizohera. Ariko urukundo ruzokwamaho ibihe vyose.


Na mwebwe ni uko. Ko mufise umwete wo kurondera ingabire za Mpwemu, mukore ibishoboka kugira muronke ingabire zubaka ishengero.


Mbega ni nde yababwiye ko muruta abandi? Hari ico mufise mutahawe? None nimba mwaragihawe, ni kuki mwishira hejuru nk’aho mutagihawe?


Twaranezerewe tumubonye tukumva n’ubutumwa bw’indemesho mwamurungikanye. Amaze kumbwira ingene mwipfuza ko nza iwanyu, n’ukuntu mubabajwe n’ivyadushikiye, hamwe n’ishaka mwerekanye mu kunyitaho, umunezero wanje wabaye uw’akaburarugero.


Ni co gituma twinginze Tito, uwabateye intege zo gutanga mu ntango, ngo agaruke abandanye ico gikorwa c’ubuntu akirangize.


Kandi bazobasengera n’umutima w’urukundo, kubera ubuntu busesekaye Imana yabagiriye.


Imana irashoboye kubuzuza ubuntu bwayo kugira ngo muri vyose na hose muronke ivyo mukeneye, mugire n’ibisagutse bituma mukora igikorwa ciza cose.


Ntihakagire ijambo ribi riva mu kanwa kanyu, ariko iryo muvuze ryose, rize ribe ryiza kandi ryubaka abandi mu bijanye n’ivyo bakeneye, ryongere ribe irihesha ubuntu ababumva.


Ndabipfuriza kwama mwuzuye ivyamwa vy’ukugororoka biva kuri Kristo Yesu, kugira ngo biheshe Imana icubahiro n’amashimwe.


Ico nsengera ni uko urukundo rwanyu rworushiriza kugwira, kandi mugakomeza kwunguka ubwenge n’ugutahura,


Bene Data, birabereye ko dushima Imana ku bwanyu, kuko ukwizera kwanyu kubandanya gukomera, kandi n’urukundo mugiriranira hagati yanyu na rwo rukaba ruguma rugwira.


None rero na we, mwana wanje, ugirire inkomezi mu buntu turonkera muri Kristo Yesu.


Ko twakira Ubwami budashobora kunyiganyizwa, muze dushimire Imana kandi tuyisenge mu buryo buyihimbara tuyitinya kandi tuyubashe.


Ubu rero ko mwiyejeje mu kwumvira ukuri, bigatuma mugiriranira urukundo ruva ku mutima vy’ukuri, nimukundane cane nk’abavukana kandi n’imitima yanyu yose.


Ariko mukurire mu buntu no mu kumenya neza Umwami n’Umukiza wacu Yesu Kristo. Icubahiro kibe iciwe uhereye ubu n’ibihe bidashira! Amen.


Uvuga ngo uratunze, ufise vyinshi kandi ngo nta co ukenye. Ariko ntuzi ingene uri umugorwa ateye ikigongwe. Uri umukene, urahumye kandi ugenda gusa.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ