Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




2 Korinto 8:6 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

6 Ni co gituma twinginze Tito, uwabateye intege zo gutanga mu ntango, ngo agaruke abandanye ico gikorwa c’ubuntu akirangize.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

6 Ni co catumye twinginga Tito, ngw asozere ico gikorwa c’ubuntu no muri mwebge, nk’uko yagitanguye kera.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




2 Korinto 8:6
12 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Inyuma y’imyaka myinshi ndi mu mahanga, nagarutse i Yerusalemu nzaniye imfashanyo abakene, nje no gutanga ibimazi.


Ariko imbere yo kuza, nzobanza kuja i Yerusalemu gushikiriza bene Data baho imfashanyo.


Ninginze Tito ngo aze iwanyu, azanana n’umwe mwene Data wundi. Mbega hari inyungu babakuyeko? Mbega ntitwakoreye mu Mpwemu imwe no mu buryo bumwe?


Ariko nagumanye umutima uhagaze kuko ntasanzeyo mwene Data Tito. Ni co gituma naciye ndabasezera nkaja i Makedoniya.


Iyi ni yo nama yanje y’uko bikwiye kugenda: mu mwaka uheze mwabaye ab’imbere atari mu gutanga gusa, ariko no mu gufata ingingo yo kubikora.


Kandi ishengero ni ryo ryamugenye ngo aduherekeze dutwaye imfashanyo i Yerusalemu, igikorwa c’ubuntu gihesha Imana icubahiro, kikerekana umwete dufise mu gufasha abatishoboye.


Nayo Tito we, ni umugenzi dufatanije igikorwa muri mwebwe; abo bandi bene Data na bo, ni intumwa z’amashengero, kandi bubaha Kristo.


Baratwinginze kenshi ngo tubagirire ubuntu ngo bagire ico bakoze mu gutanga imfashanyo igenewe abera b’i Yerusalemu.


Ni co gituma nabonye ko ari nkenerwa kwinginga bene Data ngo babagendere imbere y’uko nza kugira ngo batunganye neza ico gikorwa co gutanga mwiyemeje. Mubitegure nk’igikorwa kivuye mu rukundo, atari ico musunikiwemwo.


Ubu mfise ivyo nkeneye vyose, ndetse n’umusesekara, kuko naronse ingabire nyishi mwarungikanye Epafurodite. Zimeze nk’amavuta amotesha neza, ikimazi cemerwa, gihimbara Imana.


Umwe wese akoresha ingabire yose yahawe n’Imana ku nyungu z’abandi. Muzikoreshe nk’abizigirwa b’Imana bagabura ubuntu bw’Imana bw’uburyo bwinshi.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ