Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




2 Korinto 8:4 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

4 Baratwinginze kenshi ngo tubagirire ubuntu ngo bagire ico bakoze mu gutanga imfashanyo igenewe abera b’i Yerusalemu.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

4 badusaba binginga cane kubatera iteka kugira ngo bafatanye n’abagaburira abera.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




2 Korinto 8:4
27 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Nihagira umuntu aha umuntu mutoya mu bigishwa banje igikombe c’amazi apfutse kuko ari umwigishwa wanje, ndababwije ukuri ko atazobura kubihererwa impera.”


Kuko uwukora ivyo Data wo mw’ijuru ashaka wese ni we mwene mama, kandi ni we mama.”


Umwami azobishura ati: ‘Ndababwire ukuri, igihe cose mwabikoreye urya muntu muto muri aba bene Data, ni jewe mwabikoreye.’


Aboro muzokwamana, kandi murashobora kubafasha igihe cose mubishakiye. Ariko jewe ntimuzonyamana.


Nuko abigishwa bo muri Antiyokiya, bivanye n’ico umwe umwe wese ashoboye, bafata ingingo yo kurungikira imfashanyo abizera b’i Yudaya.


We n’abo mu nzu yiwe bamaze kubatizwa, aca aradutumira iwe avuga ati: “Nimba mubona ko ndi uwizera Umwami Yesu, nimuze mube iwanje.” Nuko aratugobera gushika twemeye.


Inyuma y’imyaka myinshi ndi mu mahanga, nagarutse i Yerusalemu nzaniye imfashanyo abakene, nje no gutanga ibimazi.


Munsengere kugira ngo Imana ize indinde abatizera b’i Yudaya, kandi n’abizera na bo b’i Yerusalemu baze bemere imfashanyo ndabashiriye.


Ku bijanye no kwegeranya uburyo bwo gufasha abizera b’i Yerusalemu, mubikore nk’uko nabihanuye amashengero y’i Galatiya.


Murazi ko abo mu muryango wa Setefana ari bo bizeye ubwa mbere muri Akaya, baca bihebera gukorera abizera: ndabinginze rero bene Data,


Ntivyari bikwiye ko ndinda kubandikira mwebwe abizera ivy’iki gikorwa co gutanga,


Ico batwihanikirije kwari uko twokwibuka kwitwararika abakene, kandi ico nanje nkaba namye ndagifitiye ishaka kuva kera.


None rero, uko akaryo kose kabonetse, tugirire neza bose, na canecane abo mu nzu y’abizera.


kandi akaba ashingirwa intahe ku bw’ibikorwa vyiwe vyiza nko kurera neza abana, kwakira abandi i muhira, kwoza ibirenge vy’abera, gufasha abari mu ngorane, ndetse akaba yariyeguriye gukora ibikorwa vyiza vy’ubwoko bwose.


Kuko Imana ntirenganya ngo yibagire ibikorwa mwakoze canke urukundo mwerekanye ku bw’izina ryayo mu gukorera abizera, kandi mukaba mukibandanya mubikora.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ