Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




2 Korinto 8:3 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

3 Ndabishingira intahe ko batanze uko bashoboye, ndetse n’ibirengeye uko bashoboye. Kandi batanze bavyishakiye bo nyene.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

3 Kubgabo bāratanze nk’uko bashoboye, ndabibashingira intahe, kandi n’ukurusha ivyo bashoboye,

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




2 Korinto 8:3
22 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Akoze ivyo ashoboye. Asutse aya mavuta ku mubiri wanje imbere y’igihe, kugira ngo awutegurire guhambwa.


Nuko abigishwa bo muri Antiyokiya, bivanye n’ico umwe umwe wese ashoboye, bafata ingingo yo kurungikira imfashanyo abizera b’i Yudaya.


Ndashobora gushinga intahe yuko bafise ishaka ryinshi mu vy’Imana, ariko iryo shaka ryabo ntirihagaze ku bumenyi nyakuri.


Ku musi wa mbere w’indwi, umwe wese muri mwebwe arabika amahera ku yo yungutse. Ntimuzorindire ko nshika hiyo hanyuma ngo muce muyatoreza rimwe.


Mvuze ubutumwa bivuye ku mutima ubikunze, ndonka impera. Ariko ndabuvuze umutima utabikunze, kuba ari ukwikurayo.


None umunezero mwari mufise kiriya gihe wagiye hehe? Ndabashingira intahe ko iyo biba ari ibishoboka, mwari kwinogora amaso yanyu mukayampa.


kuko Imana ari yo ikorera muri mwebwe, ikabaha ugushaka no gukora ivyo igomba.


Ndamushingira intahe ko yitanga ku bwanyu mwe n’ab’i Lawodikiya bose n’i Hiyerapolisi.


Twarabakunze cane bituma tutababwira Ubutumwa Bwiza bw’Imana gusa, ahubwo twabahaye n’ubuzima bwacu na bwo.


Ariko sinashatse kugira ico nkoze ntakugishije inama, kugira ngo iciza cose wonkorera ugikore bivuye ku mutima, ata gahato.


Woba wahawe ingabire yo kuvuga? Uvuge nk’aho Imana ari yo iriko ivugira muri wewe. Woba wahawe ingabire yo gufasha abandi, bikorane inkomezi zose Imana itanga. Ivyo bizotuma muri vyose Imana ihabwa icubahiro mw’izina rya Yesu Kristo. Icubahiro cose n’ubushobozi bibe ivy’Imana ubu n’ibihe bidashira! Amen.


mube abungere b’ubusho Imana yabajeje, muburagire ata gahato, ariko mufise umutima ubikunze, nk’uko Imana ishaka ko mubikora; mutarondera inyungu mbi, ariko nk’abakorera Imana nyene.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ