Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




2 Korinto 8:23 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

23 Nayo Tito we, ni umugenzi dufatanije igikorwa muri mwebwe; abo bandi bene Data na bo, ni intumwa z’amashengero, kandi bubaha Kristo.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

23 Ivya Tito, ni we dufatanije igikorwa, kandi ni mugenzanje dukorana ivyanyu; kand’ ivya bene Data abo, n’intumwa z’amashengero, kandi n’icubahiro ca Kristo.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




2 Korinto 8:23
20 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Bagenziwe, ari bo Yakobo na Yohana bene Zebedayo, bakorana na Simoni. Yesu abwira Simoni ati: “Ntutinye, kuko uhereye ubu, ugiye kuba umurovyi w’abantu.”


Baca bahamagara bagenzi babo bari mu bundi bwato ngo baze babafashe, maze buzuza ubwato bwabo bwompi gushika aho butangura kwibira.


Ndababwire ukuri, umukozi ntaruta shebuja, kandi intumwa ntiruta uwayitumye.


Umugabo ntakwiye gutwikira umutwe wiwe, kuko umugabo ni ishusho y’ubwiza bw’Imana; ariko umugore ni ishusho y’ubwiza bw’umugabo.


Ninginze Tito ngo aze iwanyu, azanana n’umwe mwene Data wundi. Mbega hari inyungu babakuyeko? Mbega ntitwakoreye mu Mpwemu imwe no mu buryo bumwe?


Ariko Imana itera intege abihebuye yaduhoresheje ukuza kwa Tito.


Ndashima Imana yashize mu mutima wa Tito umwitwarariko nk’uwanje ku bwanyu.


Tumurungikanye n’uwundi mwene Data ashimwa n’amashengero yose ku bw’ibikorwa vyiwe vy’Ubutumwa Bwiza.


Kandi ishengero ni ryo ryamugenye ngo aduherekeze dutwaye imfashanyo i Yerusalemu, igikorwa c’ubuntu gihesha Imana icubahiro, kikerekana umwete dufise mu gufasha abatishoboye.


Tubarungikanye kandi n’uwundi mwene Data twabonyemwo ishaka muri vyinshi. Noneho iryo shaka ryabaye ryinshi ku bw’ivyizigiro afise muri mwebwe.


Ni co gituma twinginze Tito, uwabateye intege zo gutanga mu ntango, ngo agaruke abandanye ico gikorwa c’ubuntu akirangize.


Ariko, nabonye ko ari vyiza kurungika Epafurodite akagaruka iwanyu. Ni mwene Data vy’ukuri akorana nanje kandi agwanana nanje intambara. Mwamundungikiye nk’intumwa kugira ngo amfashe mu vyo nari nkeneye.


Kandi ndakwinginze nawe dufatanije mu gikorwa, ngo ufashe abo bagore, kuko babanye nanje cane mu gikorwa co kubwira abandi Ubutumwa Bwiza, co kimwe na Kelementi n’abandi twakoranye, abo amazina yabo yanditswe mu gitabu c’ubugingo.


Mwabubwiwe na Epafura, umukozi w’Imana dukunda kandi dusangiye igikorwa, akaba n’umukozi wa Kristo w’umwizigirwa abakorera.


Nk’uko mubizi, twari twabanje kubabarizwa turongera ducokorerwa i Filipi, ariko Imana iduha gushira ubwoba, tubabwira Ubutumwa Bwiza naho twariko turagwanywa bikomeye.


kuko Dema yarantaye aja i Tesalonike, kuko yakunze ivy’iyi si. Kireseni yagiye i Galatiya, Tito na we yagiye i Dalumatiya.


Ndakwandikiye Tito, umwana wanje vy’ukuri mu kwizera dusangiye: Ubuntu n’amahoro biva ku Mana Data no kuri Kristo Yesu Umukiza wacu bibane na we.


None rero nimba unyemera nk’uwo musangiye igikorwa, umwakire nk’aho woba wakiriye jewe ubwanje.


Mariko, Arisitariko, Dema na Luka, abo dusangiye ibikorwa, na bo nyene barabatasha.


Dutegerezwa kwakira n’umutima mwiza abantu nk’abo kugira ngo dufatanye na bo gukorera ukuri.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ