Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




2 Korinto 8:2 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

2 Bageragejwe n’ivyago vyinshi kandi bafise ubworo bw’akaburarugero. Ariko bafise umunezero usagutse, wagaragariye mu gutanga kwabo.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

2 Bakigeragezwa n’amarushwa menshi, umunezero wabo w’akaburarugero, n’ubgoro bgabo butagira iyo buhērwa, vyarushirije kuzana ubutunzi bg’ivy’ ubuntu bgabo.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




2 Korinto 8:2
20 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Mbega simfise uburenganzira bwo gukoresha amahera yanje ico ngomba? Canke ubabajwe n’uko nagize umutima mwiza ku bandi?’


Nimba wahawe ingabire yo gutera intege abandi, ube uwutera intege koko. Nimba wahawe ingabire yo gutanga, tangana umutima ubikunze. Nimba wahawe kurongora abandi, ubikorane umwete. Nimba wahawe ingabire yo kugira impuhwe, uzigire unezerewe.


Canke ntubona ingene Imana igira neza, yihangana kandi idahaniraho? None ivyo nta co bikubwiye? Mbega ntubona ko mu kugira neza kwayo Imana ishaka kugushikana ku kwihana ivyaha vyawe?


Iki ni co twishimira: nk’uko umutima wacu ubishingira intahe, twigenjeje neza mw’isi, na canecane muri mwebwe, mu kwezwa no mu kuri biva ku Mana, turongowe n’ubuntu bw’Imana, atari ubwenge bw’abantu.


Ikindi catumye ndabandikira kwari ukubageza ngo ndabe ko mukurikiza ivyo nababwiye vyose.


Turababazwa mu mitima ariko twamana umunezero. Dufatwa nk’abakenye ariko dutungishije benshi. Tuboneka nk’aho ata co dufise ariko dufise vyose.


Muzotungishwa mu buryo bwose kugira ngo muronke ico mutanga aho bizoba bikenewe hose, kandi imfashanyo muduha zizotuma abazironka bahimbaza Imana.


Kubera igikorwa mukora, bazohimbaza Imana kubera ukwumvira kwanyu guherekeza Ubutumwa Bwiza bwa Kristo muvuga, n’umutima w’urukundo mwerekana mu kubafasha no mu gufasha n’abandi na bo.


Mwaratwiganye mwongera mwigana Umwami, kuko mwakiriye Ubutumwa n’umunezero uva kuri Mpwemu Yera, naho mwari mu mibabaro myinshi.


Bene Data, namwe mwabaye nk’amashengero y’Imana muri Kristo Yesu ari i Yudaya: mwahamwe n’ab’iwanyu nk’uko ayo mashengero na yo yahamwe n’Abayuda,


Umviriza bene Data nkunda. Mbega Imana ntiyatoranije abitwa abakene muvy’iyi si ngo babe abatunzi mu vyo kwizera no kuzoragwa Ubwami yasezeraniye abayikunda?


Ndazi imibabaro yawe, n’ubukene bwawe, ariko uri umutunzi! Ndazi ibitutsi utukwa n’abiyita Abayuda kandi atari bo, ahubwo ari abo mw’isinagogi rya Satani.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ