Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




2 Korinto 8:19 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

19 Kandi ishengero ni ryo ryamugenye ngo aduherekeze dutwaye imfashanyo i Yerusalemu, igikorwa c’ubuntu gihesha Imana icubahiro, kikerekana umwete dufise mu gufasha abatishoboye.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

19 Kandi si co gusa, ariko na kare uwo ni we yatoranijwe n’amashengero kwama ajana natwe kubg’ ico gikorwa c’ubuntu, ubgo tugabura ng’ Umwami wacu ashimishwe, kandi ngo twerekane umutima wacu k’ubikunze.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




2 Korinto 8:19
20 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Pawulo na Barunaba, bamaze gusenga no kwisonzesha, baca bagena abakuru b’amashengero yose, babaragiza Umwami Yesu bari bizeye.


Nuko intumwa n’abakuru b’ishengero, bari kumwe n’ishengero ryose, baca batora bamwe mu banyeshengero, babarungika i Antiyokiya baherekeje Pawulo na Baranaba. Nuko batoranya Yuda ari we Barusaba, na Silasi, bari abarongozi mu bandi bizera.


Ni co gituma twumvikanye gutoranyamwo abo dutuma, bazananye na bene Data dukunda cane, ari bo Baranaba na Pawulo,


Aca arungika babiri mu bamufasha ibikorwa, ari bo Timoteyo na Erasito, baja i Makedoniya, na we aca amara ikindi gihe gito muri Aziya.


Mu mwanya muto igisagara cose cuzura imigumuko. Abantu bose biruka baja mu kibaza c’ibirori, bagenda barakwega Gayo na Arisitariko, abari bagendanye na Pawulo kuva i Makedoniya.


Kandi si ivyo vyonyene, ubu dufise umunezero kubera imigenderanire myiza dufitaniye n’Imana kuko Umwami wacu Yesu Kristo yatwujuje na yo.


Ikigeretseko, n’iyo duciye mu mibabaro, turanezerwa kuko tuzi yuko ivyo bituma tumenyerezwa kwihangana.


Imibabaro yose ducamwo ni ku bwanyu, kugira ngo ubuntu bw’Imana buriko burashikira benshi butume amashimwe asesekara, maze Imana ihabwe icubahiro.


None rero nimurangize ico gikorwa mwatanguye, kugira ngo rirya shaka mwerekanye mu ntango ribonekere mu kubishira mu ngiro. Mutange bivanye n’uko mwishoboye.


Kuko iyo umuntu afise umutima wo gutanga, Imana ntiyakira ico adafise, ahubwo yakira ico afise.


Dushaka ko ata wodutora utunenge mu buryo dutanga izo mfashanyo.


kuko ndazi inyota mufise yo gufasha. Namye ndavyirata kw’ishengero ry’i Makedoniya, ndababwira ko kuva mu mwaka uheze mwebwe abo muri Akaya mwari mwamaze kuvyitegurira, kandi ishaka ryanyu ni ryo ryatumye benshi bo mw’ishengero ry’i Makedoniya batangura gutanga.


Imana irashoboye kubuzuza ubuntu bwayo kugira ngo muri vyose na hose muronke ivyo mukeneye, mugire n’ibisagutse bituma mukora igikorwa ciza cose.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ