Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




2 Korinto 7:7 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

7 Twaranezerewe tumubonye tukumva n’ubutumwa bw’indemesho mwamurungikanye. Amaze kumbwira ingene mwipfuza ko nza iwanyu, n’ukuntu mubabajwe n’ivyadushikiye, hamwe n’ishaka mwerekanye mu kunyitaho, umunezero wanje wabaye uw’akaburarugero.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

7 Kandi s’ukuza kwiwe kwonyene, ariko kandi n’uguhūmurizwa yahūmurijwe namwe, n’uko yatwīgāniye inkumbu zanyu mwangiriye, n’amarira yanyu, n’ishaka mwandwanira, ni co catumye ndushiriza kunezerwa.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




2 Korinto 7:7
34 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Petero aca yibuka ivyo Yesu yari yamubwiye ati: “Isake itarabika, uja kuba umaze kunyihakana gatatu kose, uvuga ko utanzi.” Aca aja hanze araturikisha ararira cane.


Harahiriwe abarira, kuko ari bo bazohozwa.


Nuko arasenga cane, yuzuye umubabaro mwinshi, icuya ciwe gicika nk’amama y’amaraso atonyangira hasi.


Ashitseyo akibonerako ubuntu bw’Imana bwabaye kuri bo, aranezerwa cane, yongera arabinginga bose ngo bashishikare gukurikira Umwami n’imitima yabo yose.


Ico ngomba ni ukubonana namwe kugira ngo ndabatere intege mu kwizera, maze nanje nterwe intege n’ukwizera kwanyu.


Kandi ikibabaje, aho gutuntuzwa n’ivyo, maze umuntu yabikoze mukamutaramura muri mwebwe, mubandanya mwishira hejuru.


muzodutahura neza, n’aho mutadutahura neza ubu, ariko umusi Umwami Yesu azogarukirako, nk’uko natwe tubanezererewe.


we aduha ukwirurwa mu bihe vy’imibabaro kugira ngo natwe twiruze abandi ukwirurwa twahawe n’Imana.


Ikindi catumye ndabandikira kwari ukubageza ngo ndabe ko mukurikiza ivyo nababwiye vyose.


Ivyo bitarashika, tunihira mu mubiri wacu, turindiriye kwambikwa imibiri yo mw’ijuru nk’ivyambarwa vyacu,


Ariko Imana itera intege abihebuye yaduhoresheje ukuza kwa Tito.


Naho nabateye imibabaro mw’ikete nabarungikiye, sindavyicuza. Naho nari nicujije ubwa mbere kubera nari nabonye ko nabababaje, wari umubabaro w’akanya gato.


Ndashima Imana yashize mu mutima wa Tito umwitwarariko nk’uwanje ku bwanyu.


Mfise ivyizigiro vyinshi ko ntazokwigera maramazwa, ariko ko nzokomeza gushira ubwoba, nk’uko namye. Kandi ndizera ko ubu n’ibihe vyose Kristo azokwama ahabwa icubahiro mu mubiri wanje, haba mu kubaho kwanje canke mu rupfu rwanje.


Kuko naho tutari kumwe mu mubiri, ndi kumwe namwe mu mpwemu nkanezerezwa no kubabona muhagaze neza kandi mushikamye mu kwizera Kristo kwanyu.


Ubu rero Timoteyo aherutse kugaruka avuye iwanyu, kandi yatuzaniye inkuru nziza y’ukwizera n’urukundo vyanyu. Yatubwiye ko mugira umunezero iyo mutwibutse, kandi ko mwipfuza gusubira kutubona nk’uko natwe twipfuza gusubira kubabona.


Kumenya ko muhagaze mutanyiganyiga mu Mwami bisubiza intege mu buzima bwacu.


Ni co gituma dutegerezwa kwitwararika cane ukuri twumvise, kugira ngo ntituzimire tukakuvamwo.


Eliya yari umuntu nka twe. Yasenze yinginga kugira ngo imvura ntigwe, kandi ntiyaguye muri ico gihugu kumara imyaka itatu n’igice.


Vyaranezereye cane kubona bamwe mu bana bawe bagendera mu kuri, nk’uko Data yadutegetse.


Bene Data nkunda, naho nari nipfuje cane kubandikira ku bijanye n’agakiza dusangiye, numvise ngoberwa kwandika ndabahimiriza ngo mugwanire ukwizera abera b’Imana bahawe rimwe rizima.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ