Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




2 Korinto 7:15 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

15 Kandi iyo yibutse ingene mwese mwamwumvira n’ukuntu mwamwakiranye igitinyiro n’icubahiro cinshi, umutima wiwe urushirizaho kubagirira igishika.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

15 Kand’ umutima wiwe urushiriza kubagirira igishika, uko yibutse ingene mwanyumviye mwese, n’ingene mwamwākiriye mutinya, muhinda agashitsi.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




2 Korinto 7:15
23 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Iyo umugore agira yibaruke, agira umubabaro mwinshi kuko igihe ciwe co kwibaruka gishitse; ariko iyo umwana amaze kuvuka, yibagira wa mubabaro wiwe kuko anezerejwe no kubona ikibondo kivutse mw’isi.


Wa murinzi w’ibohero aca atumako urumuri, yiruka mu cumba Pawulo na Silasi barimwo, yikubita imbere y’ibirenge vyabo.


Naje iwanyu ndi umunyantege nke, mfise ubwoba, kandi mpinda agashitsi.


Ikindi catumye ndabandikira kwari ukubageza ngo ndabe ko mukurikiza ivyo nababwiye vyose.


Ntitwananiwe no kubereka urukundo, ariko ni mwebwe mwugaye imitima yanyu.


Bashumba, mwumvire ba shobuja bo mw’isi, mububaha kandi mubatinya, bivuye ku mitima, nk’uko mwokwubaha Kristo.


Imana ni yo yomenya ingene ndabakunda n’ingene nipfuza kubabona n’umutima w’inkumbu ziva kuri Kristo Yesu.


Bakunzi banje, nk’uko mwamye mugamburuka igihe cose nari kumwe namwe, n’ubu ntari kumwe namwe, mukwiye kurushirizaho. Mukorane umwete ibikorwa bigaragaza agakiza kanyu, mwubaha Imana, muhinda agashitsi imbere yayo,


Nuko rero nk’abatoranijwe n’Imana, bera kandi bakundwa cane, mwambare umutima w’ikigongwe, ubugwaneza, guca bugufi, ubwitonzi no kwihangana.


Mwitegereze neza uwo wese atumvira ivyo tubabwiye muri rino kete. Mubigire kure kugira ngo bitume bamaramara.


Iyo umuntu afise ubutunzi bwo kw’isi, hanyuma akabona mwene Data wundi akenye, ariko ntamutere ikigongwe ngo amufashe, yoshobora kuvuga ko akunda Imana?


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ