Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




2 Korinto 7:14 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

14 Naramubwiye ingene nabanezererewe, kandi ntimwigeze mumaramaza. Ariko nk’uko ivyo twababwiye vyose vyari ivy’ukuri, n’ukubirata kwacu kuri Tito kwari ukw’ukuri.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

14 Namba har’ icanteye ko mbirata mbarātira Tito, ntivyantētereje: ariko nk’uko twababgiye vyose ukuri, ni ko n’ukwirata kwacu, twarātiye Tito, kwabonetse kw ar’ ukw’ ukuri.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




2 Korinto 7:14
12 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Ku bwabo ndiyeza, kugira ngo na bo bezwe mu kuri.


Kuko naho nishimira ububasha Umwami wacu yaduhaye bwo kubakomeza atari ubwo kubasambura, ntibinteye isoni gukoresha ubwo bubasha.


Kandi naho nohitamwo kwirata, sinoba nihenze kuko noba ndiko mvuga ivy’ukuri. Ariko mpisemwo kubireka kugira ngo ntihagire abanyiyumvira ukurengeye uko bambona mu bikorwa vyanje no mu vyo nigisha.


Ariko nagumanye umutima uhagaze kuko ntasanzeyo mwene Data Tito. Ni co gituma naciye ndabasezera nkaja i Makedoniya.


Ivyo rero vyaraduteye intege. Kandi icongeye ku kuntu mwaduteye intege, twaranezerewe cane no kubona ingene Tito yari anezerejwe n’ukuntu mwaruhuye umutima wiwe.


Ndabizeye cane kandi ndabanezererewe cane. Mwaranteye intege cane, kandi mu mibabaro yose naciyemwo, umunezero wanje urasesekaye.


Ariko Imana itera intege abihebuye yaduhoresheje ukuza kwa Tito.


Nuko rero nimubereke, imbere y’amashengero, icemeza ko urukundo mubafitiye ari urw’ukuri kandi ko dufise imvo ituma tubanezerererwa.


Ivyo bizotuma ninagaruka iwanyu, muzorushiriza kunezerwa muri Kristo Yesu kubera ibikorwa vyiza ariko arakorera muri mwebwe.


Ni co gituma mu yandi mashengero y’Imana yose twama turiko twirata mwebwe, tubabwira ivy’ukwihangana kwanyu n’ukwizera kwanyu muri mw’ihamwa hamwe n’ibindi bigeragezo muriko muracamwo.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ