Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




2 Korinto 7:11 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

11 Nimurabe ico uwo mubabaro uvuye ku Mana wakoze muri mwebwe: wabateye umwete mwinshi, ishaka ryinshi ryo kugaragaza ko ata co mwagirizwa, kubabazwa n’akarenganyo, gutinya, inkumbu, ishaka, umwitwaririko wo kubona icaha gihanwa. Muri ivyo vyose mwarerekanye ko mwejejwe.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

11 Ntimubona uwo mubabaro wo mu buryo bg’Imana, ukuntu wabateye umwete mwinshi urtyo? Kandi ko wabateye no kwiregura, no guhigimanga, no gutinya, n’inkumbu, n’ishaka, no guhana? Muri vyose mwiyerekanye ko mwejejwe mur’ ivyo.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




2 Korinto 7:11
54 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Nuko Yesu abitegereza ashavuye, kandi ababajwe cane n’uko imitima yabo ikomantaye. Nuko abwira wa muntu ati: “Gorora ukuboko kwawe.” Akugoroye guca kurakira.


Abigishwa biwe baca baribuka ijambo ryo mu Vyanditswe Vyera rivuga ngo: “Ishaka mfitiye inzu yawe ryaka muri jewe nk’umuriro.”


Pawulo akibarindiririye muri Atenayi, agira intuntu mu mutima kubera ibigirwamana vyinshi yabonye muri ico gisagara.


Ukwo ni ukuri. Ariko wibuke ko ayo mashami yaciwe kubera ukutizera, kandi nawe uhagumijwe n’ukwizera. Rero, ntiwishime ahubwo utinye.


Iyo umuntu akorera Kristo ameze gutyo, ahimbara Imana kandi akemerwa n’abantu.


Ariko bamwe bashobora kuvuga bati: Ivyaha vyacu birafise iciza, kuko vyereka abantu ukugororoka kw’Imana. None Imana ibiduhaniye ntiyoba iturenganije? (Iki ni iciyumviro c’abantu.)


kugira ngo ntihabe ukwitandukanya kw’umubiri, ahubwo ibihimba vyose vyitaneho ku rugero rungana.


Imana ni yo izocira urubanza abatizera, ariko nk’uko Ivyanditswe bivuga, “Nimwirukane inkozi y’ikibi iri hagati muri mwebwe.”


Kandi ikibabaje, aho gutuntuzwa n’ivyo, maze umuntu yabikoze mukamutaramura muri mwebwe, mubandanya mwishira hejuru.


Ico tubasengera ku Mana ni uko ata kibi mwokora. Atari ukugira ngo abantu babone ko twahagaze neza mu kwisuzuma kwacu, ariko kugira ngo mukore ibibereye naho vyoba bisa nk’aho twananiwe mu gikorwa cacu.


Abenshi muri mwebwe mwaramugwanije kandi ico gihano yahawe kiramaze.


Mu vyo dukora vyose, twerekana ko turi abakozi b’Imana b’ukuri mu kwihanganira amarushwa, imibabaro, n’ivyago vy’ubwoko bwose:


None rero bene Data, ko dufise ayo masezerano, nimuze twiyeze, twiyambure ivyonona imitima n’imibiri yacu vyose. Turondere ukwezwa kuvuye ku kwubaha no gutinya Imana.


Twaranezerewe tumubonye tukumva n’ubutumwa bw’indemesho mwamurungikanye. Amaze kumbwira ingene mwipfuza ko nza iwanyu, n’ukuntu mubabajwe n’ivyadushikiye, hamwe n’ishaka mwerekanye mu kunyitaho, umunezero wanje wabaye uw’akaburarugero.


Ubu ndanezerewe kubona nararibandikiye, atari kubera ryabababaje, ariko kubera umubabaro ryabateye watumye mwihana mugaheba inzira zanyu mbi. Ni wo mubabaro Imana ishaka ku bantu bayo, ari na co gituma, mu buryo bumwe canke ubundi, atari twebwe twabababaje.


kuko ndazi inyota mufise yo gufasha. Namye ndavyirata kw’ishengero ry’i Makedoniya, ndababwira ko kuva mu mwaka uheze mwebwe abo muri Akaya mwari mwamaze kuvyitegurira, kandi ishaka ryanyu ni ryo ryatumye benshi bo mw’ishengero ry’i Makedoniya batangura gutanga.


“Ugushavura kwanyu ntikubakoreshe icaha,” kandi izuba ntirirenge mugishavuye,


Ntimwifatanye n’ibikorwa vy’impfagusa bikorerwa mu mwijima, ahubwo mubishire ahabona.


Bakunzi banje, nk’uko mwamye mugamburuka igihe cose nari kumwe namwe, n’ubu ntari kumwe namwe, mukwiye kurushirizaho. Mukorane umwete ibikorwa bigaragaza agakiza kanyu, mwubaha Imana, muhinda agashitsi imbere yayo,


Kandi muri ivyo vyose, ntihakagire uwugirira nabi mwene Se canke ngo amugunge, kuko Umwami azohana ivyaha nk’ivyo vyose nk’uko twari tumaze kubibabwira no kubibaburirako.


Ariko nihagira uwuguma mu vyaha, uzomwihanikirize mw’ishengero ry’abantu kugira ngo abandi na bo babone gutinya.


Ukore ibishoboka vyose kugira ngo wame ugaragara nk’uwemewe imbere y’Imana, nk’umukozi anezerererwa igikorwa ciwe, kandi asigura neza ijambo ry’ukuri.


Iri jambo ni iryo kwizigirwa, kandi ndashaka ko ushimikira kuri izi nyigisho kugira ngo abizigiye Imana bose babone kwiyegurira gukora ivyiza. Izo nyigisho ni nziza, zigirira akamaro uwuzumva wese.


Ni co gituma, ko isezerano ryo kwinjira aho kuruhukira yateguye rikiriho, dukwiye kwirinda kugira ngo ntihagire n’umwe muri mwebwe yohava atahashika.


Ariko ubwenge buva mw’ijuru ubwa mbere na mbere buratunganye rwose; bukunda amahoro, ntibwishira imbere, buciye bugufi, bwuzuye imbabazi, bwama ivyamwa vyiza, ntibugira nkunzi, ntibugira uburyarya.


Mwibuke ko Data wo mw’ijuru, uwo musenga, adaca urwa nkunzi, hanyuma bitume mubaho muyitinya kandi muyubaha mu gihe musigaje kuba kuri ino si mubako nk’ingenzi.


Mumere nk’abana bato b’inzoya, mwipfuze kandi murondere kunywa amata y’impwemu atavanze, kugira ngo abakuze mu gakiza,


Mukize abandi mubakure mu muriro w’urubanza. Mwerekane imbabazi ku bandi ariko zivanze no gutinya. Yamara mwirinde no gukora ku mpuzu zandujwe n’imibiri yabo yandujwe n’ivyipfuzo vyabo bibi.


Uwo nkunda ndamukankamira, nkanamuhana. None rero, gira umwete, wihane.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ