Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




2 Korinto 6:9 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

9 Dufatwa nk’abatazwi ariko tuzwi na bose. Dusa n’abegereje urupfu ariko tubandanya tubaho. Turakubitwa ariko ntidupfa.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

9 twiyumvirwa nk’abatamenyekana, ariko turi ba rurangiranwa; tuboneka nk’abagira bapfe, ariko rāba, turi bazima; tuboneka nk’abahanwa, ariko ntitwicwa;

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




2 Korinto 6:9
18 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Maze umugwi w’abanyabwenge bitwa Abepikureyo n’Abasitoyiko, batangura guharira na we. Bamwe barabaza bati: “Mbega ivyo ariko aradedemba ni ibiki?” Abandi bakavuga bati: “Umenga ariko avuga ivy’imana z’inyamahanga.” Ivyo babivuze kuko Pawulo yariko ababwira Ubutumwa Bwiza bwa Yesu n’izuka.


None murumva ingene wa mugabo Pawulo yemeje abantu, akazimiza benshi muri Efeso, ndetse no muri Aziya yose. Avuga ko imana zikozwe n’abantu atari imana na mba.


Ariko bari bafise ivyo bapfa na we bijanye n’idini ryabo hamwe n’umugabo yitwa Yesu yari yarapfuye, ariko Pawulo we akemeza ko ari muzima.


Ariko nabuze ikintu gifadika nandikira Kayisari cerekeye uwu muntu. Ni co gituma namuzanye ngaha imbere yanyu mwese, na canecane imbere yawe mwami Agiripa, kugira ngo tumaze gutohoza ivyiwe, ndonke ico nandikira Kayisari.


Abo bemejwe n’ubushobozi bwagaragariye mu bitangaza n’utwumiza hamwe n’ubushobozi bwa Mpwemu w’Imana. Uko ni ko navuze Ubutumwa Bwiza bwa Kristo kuva i Yerusalemu kugeza nshitse muri Ilurikumu.


Nk’uko Ivyanditswe Vyera bivuga ngo: “Kubera wewe, twama tugeramiwe n’urupfu umwanya wose; dufatwa nk’intama zijanywe kubagwa.”


Ariko Umwami aduciriye urubanza, aba adutoje indero kugira ngo ntituzociribwe urubanza hamwe n’iyi si.


Bene Data, ndababwije ukuri ko mpakwa kwicwa ku musi ku musi. Ibi ni ukuri nk’uko munezero mfise kubera ivyo Umwami wacu Yesu Kristo yakoze muri mwebwe.


Ariko nibaza ko twebwe intumwa tumeze nk’imbohe z’intambara zigenewe kwicwa. Imana yadushize ku murongo inyuma y’abadufashe mpiri, mu birori vyazo vyo kwigina intsinzi. Twahindutse akamenyo kw’isi yose, mu maso y’abamarayika no mu maso y’abantu.


Nshobora kuba ntari imvuzi ariko simbuze ubumenyi, kandi ivyo twarabiberetse neza mu buryo bwose.


Ariko twahevye ibiterasoni vyose twakora twinyegeje; ntidukoresha ubugunge, ntitugoramika ijambo ry’Imana. Ahubwo tuvugira ukuri ahabona, kugira ngo abantu bamenye abo turi imbere y’Imana.


Nuko rero kuko tuzi ico ari co kwubaha Umwami, dukora ibishoboka ngo twemeze abantu. Ico turi kiragaragarira Imana, kandi nizera ko namwe kibagaragarira mu mitima yanyu.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ