Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




2 Korinto 6:16 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

16 Mbega Imana hari ico yohurirako n’ibigirwamana? Turi ingoro y’Imana, kandi Imana yavuze iti: “Nzoba muri bo nongere ngendane na bo. Nzoba Imana yabo, na bo bazoba abantu banje.”

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

16 Kand’ urusengero rw’Imana ruhūza rute n’ibigirwamana? Kuko twebge tur’ urusengero rw’Imana nzima: nk’ukw Imana yavuze, iti Nzogerēra muri bo, nzogendera muri bo, Mbe Imana yabo, na bo babe abantu banje.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




2 Korinto 6:16
60 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Simoni Petero aramwishura ati: “Uri Kristo, Umwana w’Imana nzima.”


Nta muntu n’umwe yoshobora gushimisha abakoresha babiri: agerageje kunezereza umwe yosanga yababaje uwundi; kandi agerageje kuba umwizigirwa kuri umwe yosanga yahemukiye uwundi. Nta muntu ashobora gukoreshwa n’Imana ngo yongere akoreshwe n’amahera.


Aca abacira uwu mugani ati: “Nta wutabura igitambara ku mpuzu nshasha ngo akibaririre ku mpuzu y’umushire. Abikoze uko, aba yononye iyo impuzu nshasha, kandi ico gitambara gishasha ntigishobora gufatana n’impuzu y’umushire.


Yesu aramwishura ati: “Uwunkunda azoshira mu ngiro inyigisho zanje. Data azomukunda, kandi twe na Data tuzoza tubane na we.


Umuntu wese arya umubiri wanje akanywa n’amaraso yanje aguma muri jewe nanje nkaguma muri we.


Nimba Mpwemu w’Imana yazuye Kristo mu bapfuye aba muri mwebwe, nta kabuza ko Imana izoha imibiri yanyu ipfa ubugingo, biciye muri Mpwemu wayo aba muri mwebwe.


Ariko mweho, ntimurongorwa na kamere k’icaha, murongorwa na Mpwemu, nimba Mpwemu w’Imana aba muri mwebwe. Kandi umuntu wese adafise Mpwemu wa Kristo, si uwa Kristo.


mbere, “Mu kibanza babwiriwemwo ngo: ‘Ntimuri abantu banje,’ ni ho bazobwirirwa ngo: ‘Muri abana b’Imana nzima.’ ”


Ntimushobora kunywera ku gikombe c’Umwami hanyuma ngo mwongere munywere ku gikombe c’abadayimoni. Ntimushobora kurira ku meza y’Umwami hanyuma ngo mwongere murire ku meza y’abadayimoni.


Mbega ntimuzi ko imibiri yanyu ari ingoro za Mpwemu Yera aba muri mwebwe, uwo mwahawe n’Imana? Erega ntimuciganza


Mwubatswe kw’itanguriro ry’intumwa n’abavugishwa, Kristo Yesu akaba ari we buye rigumya imfuruka.


Kandi muri we namwe muriko murubakwa mufatanywa ngo mube ingoro aho Imana iba biciye muri Mpwemu wayo.


kugira ngo Kristo abe mu mitima yanyu biciye mu kumwizera. Kandi ndasenga kugira ngo mwebwe, mumaze gushingwa neza mu rukundo rwiwe,


bishitse ngateba, abantu babe baramenya ukwo bakwiye kwigenza mu nzu y’Imana, ari rwo rusengero rw’Imana nzima, rukaba n’inkingi n’urufatiro rw’ukuri.


Uzigame ingabire nziza wabikijwe, ufashijwe n’ububasha bwa Mpwemu Yera aba muri twebwe.


Ariko Kristo ni umwizigirwa nk’Umwana yahawe kuganza inzu y’Imana. Kandi iyo nzu ni twebwe, niyo twagumya ugushira amanga n’ivyizigiro dufise muri Kristo.


Iri ni ryo sezerano nzogirana n’inzu ya Isirayeli inyuma y’aho, ni ko Uhoraho avuze. Nzoshira ivyagezwe vyanje mu bwenge bwabo, ndavyandike mu mitima yabo. Nzoba Imana yabo, na bo babe abantu banje.


Canke mwibaza ko Ivyanditswe bibesha iyo bivuga ko Imana itwiyegerezanya ishaka ryo kutwiganzira rwose kubera Mpwemu wayo yadushizemwo?


Kandi namwe muri amabuye afise ubugingo Imana iriko irubakisha urusengero rwayo rw’impwemu, kugira ngo mube abaherezi bayo bera, batanga ibimazi vy’impwemu biyihimbara, biciye muri Yesu Kristo.


Nta muntu n’umwe arabona Imana; ariko iyo dukundana, Imana iba muri twebwe kandi urukundo rwayo rwiyerekanira muri twebwe mu buryo busagutse.


Umuntu wese yemera ko Yesu ari Umwana w’Imana, Imana iba muri we na we akaba muri yo.


Wandikire umumarayika w’ishengero ryo muri Efeso uti: Uwufise inyenyeri indwi mu kuboko kw’i buryo kandi agendagenda hagati y’ibiterekwako amatara indwi, aravuga ati:


Nca numva ijwi rirenga rivuye kuri ya ntebe y’inganji, rivuga riti: “Ehe raba inzu y’Imana iri mu bantu, kandi izobana na bo. Bazoba abantu bayo, kandi Imana ubwayo izobana na bo, ibe Imana yabo.


Uwuzonesha azotorana ibi vyose kandi nzomubera Imana, na we azombera umwana.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ