Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




2 Korinto 6:14 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

14 Ntimukifatanye n’abatizera, kuko ubugororotsi n’ubukozi bw’ikibi nta ho bihurira, kandi umuco n’umwijima nta co bisangiye.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

14 Ntimwifatanye n’abatizera, kand’ ata co musangiye: ukugororoka n’ukugabitanya bifatana bite? Cank’ umuco n’umwiza bifatanya bite?

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




2 Korinto 6:14
44 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Isi ntishobora kubanka, ariko jewe iranyanka kuko ndayagiriza ibikorwa bibi.


Petero na Yohana bamaze kurekurwa baca basubira aho bagenzi babo bari, babiganira ivyo abakuru b’abaherezi n’abashingantahe bababwiye.


Ntimushobora kunywera ku gikombe c’Umwami hanyuma ngo mwongere munywere ku gikombe c’abadayimoni. Ntimushobora kurira ku meza y’Umwami hanyuma ngo mwongere murire ku meza y’abadayimoni.


Ntihagire uwubazimiza: “Abagenzi babi bonona ingeso z’umuntu.”


Igihe nabandikira ubwa mbere nari nababujije kwifatanya n’abantu b’ingeso z’ubusambanyi.


Ariko aho gutatura ayo matati mwebwe nyene, mwene Data umwe yitwarira mugenziwe, kandi akamwitwarira ku batizera!


Umugore aba abohewe ku mugabo iyo akiriho. Ariko umugabo amaze gupfa, umugore aba afise uburenganzira bwo kurongorwa n’uwo ashaka, mu gihe uwo mugabo yubaha Imana.


kugira ngo mubeho mutagira umugayo, mugororotse, mube abana b’Imana batagira agatosi mu bantu b’iki gihe bagoramye kandi bononekaye, abo mubonekamwo mwakaka nk’inyenyeri zo kw’ijuru.


Yemwe basambanyi! Ntimuzi ko gukunda ivy’isi ari ukuba umwansi w’Imana? Uwuhisemwo gucudika n’isi aba abaye umwansi w’Imana.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ