Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




2 Korinto 6:10 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

10 Turababazwa mu mitima ariko twamana umunezero. Dufatwa nk’abakenye ariko dutungishije benshi. Tuboneka nk’aho ata co dufise ariko dufise vyose.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

10 tuboneka nk’abababara, ariko tunezerwa imisi yose; tuboneka nk’aboro, ariko dutungisha benshi; tuboneka nk’abatagira ico batunze, yamara dutunze vyose.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




2 Korinto 6:10
43 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Muze munezerwe kandi muhimbarwe kuko impera yanyu izoba ari nini mw’ijuru. Uko ni ko bahamye abavugishwa n’Imana babitangiye imbere.


Harahiriwe abarira, kuko ari bo bazohozwa.


Murahiriwe mwebwe mushonje muri kino gihe, kuko muzohazwa. Murahiriwe mwebwe murira muri kino gihe, kuko muzotwenga.


Ni ko bimeze no kuri mwebwe: Iki ni igihe canyu c’umubabaro, ariko nitwasubira kubonana imitima yanyu izonezerwa, kandi nta n’umwe azoshobora kubatwara umunezero wanyu.


Nko mu gicugu hagati, Pawulo na Silasi bariko barasenga bongera baririmba indirimbo zo gutazira Imana, izindi mbohe zarabumva.


Ariko Petero aravuga ati: “Ifeza n’inzahabu nta vyo mfise, ariko ico mfise ndakiguha. Mw’izina rya Yesu Kristo Umunyenazareti, va hasi utambuke!”


Izo ntumwa zica ziva imbere y’Inama Nkuru y’abarongoye ubwo bwoko zinezerewe, kuko Imana yari yabonye ko bibabereye kubabazwa bahorwa izina rya Kristo.


Nimba kutumvira kwabo kwatungishije isi kandi nimba Abanyamahanga bahawe umugisha n’uko Abisirayeli banse agakiza, iyumvire ingene isi izohezagirwa igihe bazohindukirira Imana n’imitima yabo yose.


Abanezerewe, munezeranwe na bo, abarira murirane na bo.


Imana, yo itanga ivyizigiro, ibuzuze umunezero n’amahoro kuko muyizera, kugira ngo murushirize kwizigira amasezerano yayo mubishobojwe na Mpwemu Yera.


Ko itimanye Umwana wayo bwite, ariko ikamutanga ku bwacu twese, mbega ntizorushiriza kutugabira vyose hamwe na we?


umutima wanje wuzuye intuntu n’umubabaro udahera


Muri we mwahawe ubutunzi mu buryo bwose, haba mu mvugo no mu bumenyi mufise.


Nabandikiye mfise agahinda n’umubabaro mwinshi bivanze n’amarira, ntipfuza kubatera imibabaro, ariko nipfuza ko mumenya urukundo rwinshi ndabakunda.


Imibabaro yose ducamwo ni ku bwanyu, kugira ngo ubuntu bw’Imana buriko burashikira benshi butume amashimwe asesekara, maze Imana ihabwe icubahiro.


Ariko twebwe ubwacu tumeze nk’udukono tumeneka turimwo ubwo butunzi buhebuje. Ni co cerekana ko ubushobozi buhambaye bukorera muri twebwe buva ku Mana, atari kuri twebwe.


Kuko muzi ubuntu bw’Umwami wacu Yesu Kristo, ko n’aho yari umutunzi wa vyose, yigize umukene ku bwanyu kugira ngo mu bukene bwiwe mube abatunzi.


Nsaba Imana ko bivuye ku butunzi butagira urugero bw’ubwiza bwayo, yobakomeza mu Mpwemu, mu kubaha ubushobozi biciye muri Mpwemu wayo,


Naho ndi uwo hanyuma y’abera bose, ubwo buntu bw’Imana narabugiriwe, ndaronka iryo teka ryo kubwira Abanyamahanga ubutunzi butagira urugero bafise muri Kristo.


Kandi naho ndi hafi gutanga ubuzima bwanje ngo busukwe nk’ishikanwa ry’ikinyobwa ku kimazi, ari vyo bikorwa biva mu kwizera kwanyu, ndabinezererewe kandi nezeranywe namwe mwese.


Mwame munezerewe mu mwami, ndabisubiyemwo ubugira kabiri: nimunezerwe.


Ubu nezererewe imibabaro ndiko ndacamwo ku bwanyu. Mu mubiri wanje, ndiko ndashitsa ibisigaye ku mibabaro ya Kristo ku bw’umubiri wiwe, ari ryo Shengero.


Ijambo rya Kristo ribe muri mwebwe rigwiriye, mwigishanye kandi muhanurane mu bwenge bwose, muririmba amazaburi n’indirimbo n’amatazirano y’impwemu mushima Imana mu mitima yanyu.


Mwaratwiganye mwongera mwigana Umwami, kuko mwakiriye Ubutumwa n’umunezero uva kuri Mpwemu Yera, naho mwari mu mibabaro myinshi.


Ukwimenyereza kw’umubiri ni kwiza, ariko ukwimenyereza kwubaha Imana ni kwiza gusumba, kugira ikimazi muri ubu buzima no mu buzoza.


Ubigishe gukoresha amahera yabo mu gukora ivyiza: bakwiye kuba abatunzi mu bikorwa vyiza, no mu gufasha abakene no mu kugira imitima yiteguriye gusangira ivyabo n’abandi.


Mwagirira impuhwe abapfunzwe, kandi iyo babanyaze ivyanyu mwavyemerana umunezero, kuko mwari muzi ko mufise ubutunzi burengeye ubwo kandi buzokwamaho.


Umviriza bene Data nkunda. Mbega Imana ntiyatoranije abitwa abakene muvy’iyi si ngo babe abatunzi mu vyo kwizera no kuzoragwa Ubwami yasezeraniye abayikunda?


Ahubwo, mushimire Imana kuko muhawe gusangira na Kristo imibabaro yababajwe, kuko muzogira umunezero wuzuye niyahishurwa mu bwiza bwiwe.


Ndazi imibabaro yawe, n’ubukene bwawe, ariko uri umutunzi! Ndazi ibitutsi utukwa n’abiyita Abayuda kandi atari bo, ahubwo ari abo mw’isinagogi rya Satani.


Uwuzonesha azotorana ibi vyose kandi nzomubera Imana, na we azombera umwana.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ