Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




2 Korinto 6:1 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

1 None rero ko dukorana n’Imana, turabinginga ngo ntimupfishe ubusa ubuntu bw’Imana.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

1 Kandi ko dukorana na yo, turabinginga, ntimuhērwe ubuntu bg’Imana gupfa ubusa:

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




2 Korinto 6:1
19 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Yewe Yerusalemu, yewe Yerusalemu! Wewe wica abavugishwa n’Imana, ugatera amabuye abagutumweko! Ni kangahe nagerageje kwegeranya abana bawe nk’uko inkoko yegeranya uduswi twayo mu mababa yayo, ariko ukanyankira!


Ashitseyo akibonerako ubuntu bw’Imana bwabaye kuri bo, aranezerwa cane, yongera arabinginga bose ngo bashishikare gukurikira Umwami n’imitima yabo yose.


Ariko Pawulo na Barunaba bahamara igihe kitari gito, bavugira Umwami Yesu bashize amanga, na we agashingira intahe Ubutumwa bw’Ubuntu bavuga, mu kubakoresha ibitangaza n’utwumiza.


None rero bene Data, kubera izo mbabazi nyinshi Imana yatugiriye, ndabinginga ngo mushikanire Imana imibiri yanyu nk’ibimazi bifise ubugingo, vyejejwe kandi biyihimbara. Uko ni ko kuyisenga kwanyu kwoyihimbara.


kuko twempi dukorera Imana, namwe muri umurima w’Imana, muri inzu yayo.


Jewe Pawulo, ndabinginze n’umutima wiyoroheje no mu bugwaneza buva kuri Kristo, naho mwibaza ko ntari imvuzi imbere yanyu ariko nkabakarira iyo tutari kumwe.


Simfata minenegwe ubuntu bw’Imana, kuko nimba ukugororoka kwoshobora kuronkerwa mu vyagezwe, Kristo yoba yapfiriye ubusa.”


Mbega imibabaro yose mwaciyemwo, yari iy’ubusa? Haba na mba ntiyari iy’ubusa.


Ni co gituma rero, kuko ntari ngishoboye kuvyihanganira, naciye ndungika Timoteyo kugira ngo nshobore kumenya ko ukwizera kwanyu kwoba kugikomeye. Nari mfise ubwoba ko wa mugeragezi yoba yarabagerageje, maze igikorwa cacu muri mwebwe kikaba cabaye impfagusa.


Ubuntu bw’Imana buzana agakiza bwarahishuwe ku bantu bose.


Mwitaneho kugira ngo ntihagire n’umwe muri mwebwe ananirwa ntashikire ubuntu bw’Imana. Mwirinde ntihakagire n’umwe muri mwebwe amera nk’umuzi urura hagati yanyu agatera uruhagarara, agatuma benshi bononekara.


Mwirinde ntimwanke kwumviriza uwuriko aravuga. Kuko nimba Abisirayeli batashoboye gukira igihano igihe banka kwumviriza Mose ariko arabagabisha kw’isi, natwe ntidushobora gukira igihano nitwanka kwumviriza uwuvuga ari mw’ijuru.


Ni co gituma, ko isezerano ryo kwinjira aho kuruhukira yateguye rikiriho, dukwiye kwirinda kugira ngo ntihagire n’umwe muri mwebwe yohava atahashika.


Umwe wese akoresha ingabire yose yahawe n’Imana ku nyungu z’abandi. Muzikoreshe nk’abizigirwa b’Imana bagabura ubuntu bw’Imana bw’uburyo bwinshi.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ