Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




2 Korinto 5:15 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

15 Kandi yapfiriye bose kugira ngo ntihagire uwubaho yinezereza ariko abeho anezereza uwamupfiriye akanamuzukira.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

15 Kand’ icatumye apfira bose kwar’ ukugira ngw abariho babeho batacinezereza, ariko babeho banezereza uwabapfiriye, akabazukira.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




2 Korinto 5:15
41 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

ko azodukiza agahahazo k’abansi bacu, akadushoboza kumukorera ata bwoba,


Ndababwire ukuri, umuntu wese yumva ijambo ryanje, akizera uwantumye, afise ubugingo budashira. Kandi uwo ntazotsindwa n’urubanza, ahubwo aramaze kuva mu rupfu aja mu bugingo.


Data yantumye ni muzima kandi ndiho ku bwiwe; ni ko n’uwundya na we azobaho ku bwanje.


None rero bene Data, kubera izo mbabazi nyinshi Imana yatugiriye, ndabinginga ngo mushikanire Imana imibiri yanyu nk’ibimazi bifise ubugingo, vyejejwe kandi biyihimbara. Uko ni ko kuyisenga kwanyu kwoyihimbara.


Uwo, Imana yaramutanze ngo apfe azira ivyaha vyacu hanyuma imuzura mu bapfuye kugira ngo atume twemerwa na yo nk’abagororotsi.


Ntibikabe! Abapfuye ku caha twoba tukikibamwo dute?


Turazi neza ko kamere muntu kacu k’icaha kabambanywe na Kristo ku musaraba, kugira ngo inkomezi z’uwu mubiri w’icaha zihindurwe ubusa, ntituze dusubire kuba abagurano b’icaha.


Ariko nimba Kristo aba muri mwebwe, naho imibiri yanyu izopfa kubera icaha, Mpwemu ni we abaha ubugingo kuko mwemewe n’Imana nk’abagororotsi.


Kuko icagezwe ca Mpwemu atanga ubugingo carambohoye biciye muri Kristo Yesu, kinkurako icagezwe c’icaha n’ic’urupfu.


Kurongorwa na kamere k’icaha bijana mu rupfu. Ariko kurongorwa na Mpwemu bishikana ku bugingo n’amahoro.


Na jewe ngerageza kunezereza bose mu vyo nkora vyose. Simpfa gukora ibimpimbara, ariko nkora ibihimbara abandi kugira benshi bashike ku gakiza.


Ni co gituma, ku bwa Kristo, nezerererwa intege nke, ibitutsi, imiruho, uguhamwa, n’ingorane. Kuko iyo ndi umunyantege nke ari ho mba umunyenkomezi.


Ni yo yatugize abakozi b’isezerano rishasha, isezerano ritavuye ku vyagezwe ariko rivuye kuri Mpwemu; kuko ivyagezwe birica ariko Mpwemu atanga ubugingo.


Ni co gituma uhereye ubu ata we tuciyumvirako twisunze ubwenge bw’abantu. Naho kera Kristo twamwiyumvira twisunze ubwenge bw’abantu, ubu si ko bikiri.


None rero, ko tubayeho ku bwa Mpwemu, reka turongorwe na we mu buzima bwacu bwose.


Nuko ndababwira ibi kandi ndabihanikiriza mw’izina ry’Umwami: ntimukwiye kuguma mubaho nk’uko Abanyamahanga babaho, mu gukurikiza ivyiyumviro vyabo bitagira ikimazi.


Ni co gituma bivugwa ngo: “Ikangure, wewe usinziriye, vyuka uve mu bapfuye, maze Kristo arakumurikira.”


Kuko igihe mwabatizwa mwahambanywe na we hanyuma muzukana na we kugira ngo mubeho ubuzima bushasha mwaronse biciye mu kwizera ubushobozi bw’Imana, yamuzuye imukuye mu bapfuye.


None rero ko mwazuranywe na Kristo, mushire imitima yanyu ku biri mw’ijuru, aho Kristo yicaye mu kibanza c’iteka i buryo bw’Imana.


Kandi ivyo mukora vyose, mu mvugo no mu ngiro, mubikore mw’izina ry’Umwami wacu Yesu, mushima Imana Data wa twese ku bwiwe.


Ivyo mukora vyose muhore mubikorana umutima wanyu wose, nk’aho mwoba muriko mubikorera Umwami wacu, atari abantu,


Yaradupfiriye kugira ngo ni yaza, twoba twarapfuye canke twoba tukiriho, tuzobane na we ibihe vyose.


Ni we yatwitangiye, araducungura kugira ngo tuve mu bubi bwacu bwose, atugira ubwoko bwejejwe yiharije, bufise ishaka ryo gukora ivyiza.


Ni co gituma Ubutumwa Bwiza bwabwiwe mbere n’abari barapfuye kugira ngo n’aho bamaze gucirwa urubanza mu mubiri nk’uko biba ku bantu bose, baze babeho mu mpwemu nk’uko Imana iri.


Uku ni ko Imana yatweretse urukundo rwinshi idukunda: yatumye umwana wayo w’ikinege mw’isi kugira ngo tugire ubugingo budashira ku bwiwe.


Ndi Uwuriho; nari narapfuye none ndi muzima ibihe vyose. Kandi mfise urupfunguruzo rw’urupfu na kuzimu.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ