9 Turahamwa ariko ntituva ku Mana. Dukubitwa hasi ariko ntidupfa.
9 turahamwa, ariko ntiduhebga; dukubitwa hasi, ariko ntitugwaho:
Mwibuke ivyo nababwiye: ‘Umukozi ntaruta shebuja.’ Nimba barampamye, namwe bazobahama. Nimba barakurikije inyigisho zanje, bazokurikiza n’izanyu.
Ni nde yodutandukanya n’urukundo rwa Kristo? Mbega ni ivyago, canke ni imibabaro, canke ni uguhamwa, canke ni inzara, canke ni ubukene, canke ni kuba mw’irinde, canke ni urupfu?
Ariko Imana itera intege abihebuye yaduhoresheje ukuza kwa Tito.
Kanatsinda, uwuhisemwo kugira ubuzima bugororotse muri Kristo Yesu azotegerezwa guhamwa.
Ntimugakunde amahera mu mibereho yanyu, ahubwo mubumbwe n’ivyo mufise. Kuko Imana yavuze iti: “Sinzokwigera ndaguta; sinzokwigera ndaguheba.”