Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




2 Korinto 4:6 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

6 Imana yavuze iti: “Ahari umwijima nihabe umuco,” yatumye umuco wayo ukayangana mu mitima yacu kugira ngo turonke ugutahura ivy’ubwiza bw’Imana bukayanganira kuri Yesu Kristo.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

6 Imana, imwe yavuze ng’ Umuco wāke, uvuye mu mwiza, ni yo yākiye mu mitima yacu, kwerekana umuco, ni wo kumenya ubgiza bg’Imana buri mu nyonga ha Yesu Kristo.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




2 Korinto 4:6
35 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Data yaranyizigiye anzeza vyose. Nta n’umwe azi Umwana atari Data, kandi nta n’umwe azi Data atari Umwana, n’uwo Umwana ahisemwo kumuhishurira.”


Jambo yahindutse umuntu abana natwe, yuzuye ubuntu n’ukuri. Natwe twariboneye ubwiza bwiwe; ni ubwiza bw’Umwana w’ikinege akura kuri Se.


Yesu aramubwira ati: “Sinakubwiye ko niwizera uja kubona ubwiza bw’Imana?”


Ibi Yesaya yabivuze kuri Yesu, kuko yabonye ivyo muri kazoza maze avuga ku vy’ubwiza bwa Kristo.


kugira ngo ubugurure amaso, bave mu mwijima baje mu muco, ubakure mu bubasha bwa Satani ubazane ku Mana, baharirwe ivyaha vyabo, maze bahabwe ikibanza mu bejejwe babihawe no kunyizera.’


Bamwe bahawe na Mpwemu gutanga impanuro zirimwo ubwenge, abandi uwo Mpwemu nyene abaha ubumenyi budasanzwe,


Uwo muntu mumuhariye, nanje nzoba ndamuhariye. Kandi igihe cose bikenewe ko ntanga imbabazi, ndabikora ku bwanyu ndi imbere ya Kristo,


Natwe abakuweko ico gitambara, tugaragaza ubwiza bw’Umwami wacu, kandi tukaba turiko turahindurwa ngo duse na we, tuva mu bwiza tuja mu bundi, na bwo bukaba buva ku Mwami wacu, na we akaba ari we Mpwemu.


Umwami w’iyi si yarahumishije ubwenge bw’abatizera, kugira ngo ntibabone umuco w’Ubutumwa Bwiza bw’ubwiza bwa Kristo, we shusho y’Imana.


Nsaba Imana yo nyene icubahiro cose, Se w’Umwami wacu Yesu Kristo, Data w’ubwiza buhebuje, ngo abahe Mpwemu w’ubwenge no guhishurirwa, kugira ngo murushirize kumumenya.


Ndabasengera ngo amaso y’imitima yanyu amurikirwe kugira ngo mumenye ivyizigiro yabahaye igihe yabahamagara, n’ubwiza bwinshi bw’umugabane yateguriye abantu biwe batunganye.


Kuko kera mwari mwuzuye umwijima, ariko noneho ubu mufise umuco uva ku Mwami wacu. Nimubeho rero nk’abana b’umuco


We, naho yari Imana, ntiyigeze abona ko kungana n’Imana ari ikintu co kwumirako.


Kristo ni we shusho iboneka y’Imana itaboneka, imfura irengeye ivyaremwe vyose,


Twarabatera intege, tukabaremesha, tukabahimiriza ngo mubeho ubuzima bubereye abantu b’Imana, yo yabahamagariye kuba mu Bwami bwayo n’ubwiza vyayo.


Uwo Mwana yerekana ugukayangana kw’ubwiza bw’Imana kandi ni we shusho nyayo iboneka y’ubumana bwayo. Vyongeye ni we ashigikije vyose ijambo ryiwe ry’inkomezi. Ahejeje gushiraho uburyo bwo kwoza ivyaha vyacu, yaciye yicara mu kibanza c’iteka i buryo bw’Imana y’icubahiro mw’ijuru.


Ntibishoboka kugarukana ku kwihana abigeze kwakirwa n’umuco, bakumviriza ku ngabire zo mw’ijuru, bakakira ku vya Mpwemu Yera,


Imana yabahishuriye ko ivyo bavugishwa bitari biberekeye, ahubwo ko vyari vyerekeye mwebwe. Ubwo butumwa namwe mwarabubwiwe n’ababuvuga basunitswe na Mpwemu Yera yarungitswe avuye mw’ijuru. Ivyo ni igitangaza kuko n’abamarayika baripfuza kubibona bishika.


Ariko mweho muri ubwoko bwatoranijwe, abaherezi b’Umwami, ihanga ryejejwe Imana yiharije, kugira ngo mukwize ishimwe ryayo, yo yabahamagaye ikabakura mu mwijima, ikabazana mu muco wayo utangaje.


Kandi dufise n’ijambo ry’ubuvugishwa rirushaho kuba iryo kwizerwa. Namwe muzoba mugize neza nimwaryumvira kuko rimeze kurya kw’itara rimurikira ahantu hari umwijima, gushika umutwenzi ubonetse, aho inyenyeri yo mu gaturuturu izoserukira mu mitima yanyu.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ